100.The Chargers

  1. Ndarahiye kw’Ifarasi zigenda cane kandi zihema hema
  2. Zigasohora umucanwa kumaguru yazo mugukubita amaguru yazo hasi
  3. Zigatera mugihe co mu gitondo
  4. Zigatumura inkungugu nyinshi muri ico gihe nyene
  5. Zikinjira mumirwi y’abansi kurwana
  6. Ntankeka umuntu arahakana Umuremyi wiwe
  7. Nawe azi ibi vyose
  8. Akaba afise urukundo runiniya cane rw’ugukunda amatungo
  9. Mbega ntazi yuko igihe bazozurwa abari muntatemwa zabo
  10. Mugihe hazoserurwa ibiri mubikiriza vyabo
  11. Yuko Umuremyi wabo azobamenya neza cane kuri uwo musi ibiremwa vyiwe vyose