101.The Calamity

  1. Ivyago bikubita kumitima y’abantu ariwo muhero w’Isi
  2. Ivyo vyago bikubita kumutima y’abantu n’ibihe
  3. N’ijambo nyabaki rizo kumenyesha yuko ivyo vyago bikubita kumitima y’abantu nivyahe
  4. N’umusi waho abantu bazoba nk’abana b’inzige bashwabagiye hose
  5. N’imisozi izoba nk’isufi zasanzajwe zitumukira hejuru
  6. Rero uwo k’umunzani wiwe uzoba uremereye
  7. Uyo muntu azoba ari mubuzima bumubereye
  8. Uwuzoba afise k’umunzani wiwe uhoya hoya
  9. Uyo muntu ubwicaro bwiwe buzoba ari ubwo mumuriro udahera witiriwe Hawiyat
  10. None n’ijambo nyabaki rizo kumenyesha uwo muriro witiriwe Hawiyat
  11. N’umucanwa waka cane