102.Competition

  1. Mwasamaye mukurondera ubwinshi bw’amatungo menshi n’ibibondo hamwe n’ukwihayagiza kurivyo
  2. Kugeza aho mugendera intatemwa z’abantu
  3. Suko! Ubu vuba muzo menya yuko atarivyo
  4. Kandi suko! Ubu vuba muzo menya yuko atarivyo
  5. Suko! Iyo mwoba mufise ubumenyi bw’ukuri
  6. Mu vy’ukuri muzobona umuriro udahera
  7. Hanyuma, mu vy’ukuri muzo wubona uwo muriro bimwe vy’ukuri
  8. Hanyuma, mu vy’ukuri muzo bazwa kuri uwo musi kubijanye n’imigisha mwahawe, n’ingene mwayikoresheje