104.The Traducer

  1. Ibihano bikaze cane bizoshikira uwurigata igikanu ciwe n’ugukwiza insaku
  2. N’uwegeranya amatungo yiwe nukuya harura gusa
  3. Mbega yiyumvira yuko amatungo yiwe azoyagumana mu buzima bwiwe bwose
  4. Oya! ntankeka uyo muntu azo jugunywa mu muriro udahera witiriwe Huttwamat
  5. None n’irihe jambo rizo kumenyesha uwo muriro witiriwe Huttwamat
  6. N’umuriro w’Imana wakijwe bimwe bikomeye cane
  7. Udugira mu mitima y’abantu
  8. Mu vy’ukuri uwo muriro udahera abantu babi bazokwugarirwa mwo babe muriwo
  9. Kubishitsi v y’ibiti birebire