3.The Family of Imraan

  1. Alif, Laam, Miiym. (Insiguro yizi ndome hamwe n’uwufise ubumenyi bwazo n’Imana yonyene gusa)
  2. Imana ntayindi itegerezwa gusengwa bimwe vy’ukuri atariyo yonyene gusa, ikaba ariyo iyobora ibintu vyose
  3. Niyo yabamanuriye igitabu bimwe vy’ukuri cemeza ivyabaye imbere yiwe, nayo niyo yamanuye igitabu ca Taurati hamwe n’igitabu c’Injili
  4. Aho hambere kugira ngo habe uburongozi ku bantu Imana yaciye imanura ibindi bitabu vy’ugutandukanya hagati y’ukuri n’ibinyoma, mu vy’ukuri bamwe bahakanye aya majambo y’Imana matagatifu bazoba bafise ibihano bikaze cane, n’Imana niyo nyene ubushobozi bukwiye hamwe n’ukwihora
  5. Ntankeka ku Mana ntacinyegeza icarico cose kibaho haba ng’aha kw’isi canke mw’Ijuru
  6. Niyo ibagirira amashusho mukiri mumbanyi nkuko ibishaka, kandi ntawundi asengwa atari Imana yonyene rudende gusa, kuko niyo yonyene ifise ubushobozi n’ubuhizi buhagije
  7. Niyo yabamanuriye igitabu murico harimwo amajambo y’Imana yoroshe mukwumvikana kwayo kandi ukaba ariwo mushingi w’intango w’ico gitabu ceranda, hakaba hariho n’ayandi majambo y’Imana matagatifu agomba gusa n’ayandi, na bamwe mu mitima yabo harimwo ubuzimire bagakurikira bimwe bifise amakenga kugira ngo bonone abantu n’ukumenya ukuri kwavyo ingene kumeze, kandi ntan’umwe azi uko kuri ingene kumeze atari Imana yonyene gusa, na bamwe bagize ubushaka shatsi bw’ubumenyi bama bavuga abati:- twebwe turavyemeye yuko vyose bivuye ku Mana yacu, mugabo ntibibuka atari abafise ubwenge
  8. Muremyi wacu ntutakaze imitima yacu mugihe wamaze kuturongora, kandi uduhe n’imihezagiro ivuye kuri wewe, mu vy’ukuri ni wewe mutanzi mukuru
  9. Muremyi wacu, ni wewe uzokoranya abantu bose kuri wa musi udafise amakenga, mu vy’ukuri Imana ntita indagano yayo
  10. Muremyi wacu bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri, amatungo yabo ntaco azobamarira canke ibibondo vyabo n’ikintu na gitoyi imbere y’Imana, n’abo bantu nizo nkwi zo mumuriro udahera
  11. Ni nk’ingendo z’abantu bo kwa Fir’auni hamwe n’abamyeho imbere yabo bahakanye amajambo y’Imana matagatifu, kuri ivyo Imana yarabahaye ibihano kubera ibicumuro vyabo, n’Imana irakaze cane muguhana
  12. Babwire ba bahakanyi b’Imana yuko ubu vuba muzotsindwa hanyuma muzo kwegeranywa mwese mutabwe mumuriro udahera witiriwe Jahannamu, naho n’ubwicaro bubi cane
  13. Mu vy’ukuri harabonetse ikimenyetso kininiya kuri ya mirwi ibiri yatana mumitwe, umurwi umwe wararwanira munzira y’Imana, n’uwundi nawo utemera Imana yawo y’ukuri waciwe ubonwa n’aba Isilamu aribo benshi kubasumba incuro zibiri mukubona kw’amaso yabo, n’Imana niyo iha inguvu n’irokorwa ryayo kuwo yishakiye, mu vy’ukuri muri ibi vyose harimwo ibitekerezo kubantu binca bwenge
  14. Abantu barashizwe mwo urukundo rw’ugukunda abakenyezi hamwe n’ibibondo hamwe n’amatu y’inzahabu n’imyakaka hamwe n’ifarasi zorowe neza hamwe n’ibikoko n’imirima, n’ivyo vyose n’ibikoresho vy’ubuzima bwo ngaha kw’isi, no ku Mana niho hari ingaruka nziza
  15. Vuga uti:- ndababwire ibintu vyiza gusumba ivyo? Kubera abahayagiza Imana yabo y’ukuri, nuko hari imirima iri kumuremyi wabo haca imbere yawe imyonga, bakazobamwo mu buzima bwabo bwose hamwe n’abakenyezi babo bisukuye neza n’amabi yose, bakaba bafise n’iragi ry’Imana, nayo niyo ibona ibiremwa vyayo vyose
  16. Abavuga bati:- Muremyi wacu, mu vy’ukuri twebwe turemeye bimwe bivuye kumizirikanyi yacu, ahubwo nuduhanagurire ibicumuro vyacu kandi udukingire n’ibihano vyo mumuriro udahera
  17. Abihangana hamwe n’abavugisha ukuri, hamwe n’abagamburutsi hamwe n’abatanga imperezwa zabo hamwe n’abasaba imbabazi imbere y’igihe co mumutwenzi
  18. Imana niyo yabaye icabona yuko ata yindi Mana ikwiwe gusengwa bimwe vy’ukuri atariyo yonyene gusa, hamwe n’Abamarayika n’abafise ubumenyi buhagije, kandi niyo ihagarikiye ukuri kwama, rero ntayindi Mana ikwiwe gusengwa atariyo yonyene gusa kuko niyo ifise ubushobozi n’ubuhizi buhagije
  19. Ntankeka idini ry’ukuri imbere y’Imana n’idini rya Isilamu, nayo abahawe igitabu ntibacanyemwo atari uko munyuma bashikiwe n’ubumenyi kubera inzigo zari hagati yabo, n’uwuhakana amajambo y’Imana matagatifu amenye yuko Imana ifise umwete uhagije w’uguharura
  20. Abo bahakanyi b’Imana niba kubaza wewe n’ubishure uvuga uti:- jewe ntumbereje amaso yanje ku Mana hamwe n’abankukurikiye bose, kandi ubabwire bamwe bahawe igitabu hamwe n’abadafise ubumenyi uti:- mbega mwarishikanye ku Mana, niba barishikanye ku Mana bazoba barokotse, mugabo nibahakana nikuri wewe gushikana ubwo butumwa bwawe gusa, n’Imana irababona abantu bayo bose
  21. Bamwe bahakana amajambo y’Imana matagatifu bagatako bakica n’intumwa z’Imana atamvo nyakuri bafise, bagatako bakica abantu bategeka gushikiriza ibintu vy’ukuri nimu bashikirize inkuru z’ibihano bikaze cane
  22. Abo bantu nibo ibikorwa vyabo vyononekariye ngaha kw’Isi no mw’Ijuru, nabo ntibazo kwigera baronka abafasha
  23. Ntubabona bamwe bahawe igice c’igitabu c’Imana gitagatifu bagahamagarirwa kuki genderako ico gitabu c’Imana gitagatifu kugira ngo kibacire urubanza rw’ukuri ruri hagati yabo, hanyuma umurwi umwe muriwo warahakanye, nabo n’abazo guma bari abahakanyi b’Imana gusa
  24. Ivyo vyose n’ukubera yuko bavuze bati:- twebwe ntituzo korwako n’umuriro atari kumisi mikeyi gusa, hanyuma bahendwa n’ibiri mw’idini ryabo kuvyo bahora badukana navyo
  25. None bizoba gute k’umusi tuzobegeranya ariwo musi udafise amakenga mugushika kwawo, n’umutima wumw’umwe wese uzorihwa bimwe bikwiye kuvyo wakoze, nabo ntibazo hemukirwa namba
  26. Vuga uti:- ewe Muremyi wanje, ni wewe ufise inganji y’ubwami bwose, uha ubwo bwami bwawe kuwo wishakiye kandi ugakura ko ubwo bwami kuwo wishakiye, kandi ugaha iteka kuwo wishakiye, kandi ugakengereza uwo wishakiye, imigisha iri mukuboko kwawe, ntankeka ni wewe ufise ubushobozi buri hejuru y’ibintu vyose
  27. Niwewe winjiza ijoro mu mutaga, n’ukwinjiza umurango mw’ijoro, hanyuma ugakura uwuri muzima muri wa muntu ata buzima afise, hanyuma ugakura umuntu yasandavye muri wa muntu afise ubuzima, hanyuma ugaha imigisha kuwo wishakiye mutarinze kugiriranira nayo ibiharuro
  28. Abemeye Imana yabo y’ukuri, ntibabagire abatemera Imana yabo y’ukuri kuba ari abagenzi babo nayo uwuzogira gutyo, uwo muntu ntaco azoba afise imbere y’Imana, mugabo kubera ukwirinda n’ishari ry’abo bantu, n’Imana irabakebura n’ibihano vyayo n’ingaruka ya vyose ni ku Mana
  29. Vuga uti:- nimwa nyegeza ibiri mubikiriza vyanyu canke nimwa biserura, mumenye yuko Imana ibizi kandi ikaba ifise ubumenyi bw’ibiri mu Majuru yose hamwe no kw’Isi, n’Imana niyo ifise ubushobozi buri hejuru y’ibintu vyose
  30. Umusi waho umutima w’umuntu uzosanga ivyo wakoze biri k’umugaragaro, hamwe n’amabi yose wakoze, uwo mutima uzosaba yuko iyo haba urugendo rurerure ruri hagati yayo mabi yose hamwe nawe, n’Imana irabagabisha n’ibihano vyayo, kandi n’intungane ku bantu bayo bose
  31. Vuga uti:- ni mwaba mwebwe mukunda Imana yanyu y’ukuri ni munkurikire, Imana izo bakunda kandi izoba hanagurira ibicumuro vyanyu, nayo niyo nyene ikigongwe hamwe n’imigisha ihagije
  32. Vuga uti:- nimu gamburukire Imana yanyu y’ukuri hamwe n’intumwa yayo nimwa hakana naho mumenye yuko Imana idakunda abahakanyi b’Imana
  33. Mu vy’ukuri Imana niyo yitoreye intumwa y’Imana Adamu (iii) hamwe n’intumwa y’Imana Nuhu (iii) hamwe n’uruvyaro rw’intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) hamwe n’uruvyaro rw’intumwa y’Imana Imrani (iii) ngo rube hejuru y’ibiremwa vyose
  34. Hamwe n’uruvyaro rwabo nyene kuribo, n’Imana niyo yumva kandi niyo ifise ubumenyi buhagije
  35. Mugihe yavuga umukenyezi w’intumwa y’Imana Imrani (iii) ati:- Muremyi wanje, jewe nagize icipfuzo kuri wewe n’ikiri munda yanje kuba ari ishikanwa, rero n’unyemerere igisabisho canje, ntankeka ni wewe wumva kandi ni wewe nyene ubumenyi buhagije
  36. Rero mugihe yibaruka yaciye avuga ati:- Muremyi wanje, jewe nibarutse ikibondo c’umwana w’umukobwa, n’Imana niyo ifise ubumenyi buhagije bw’ukumenya ico kibondo yibarutse, n’umwana w’umuhungu ntameze nk’umwana w’umwigeme nanje ndamuhaye izina rya Mariyamu (iii) kandi nanje ndamukingiye kuri wewe haba we n’uruvyaro rwiwe na Shetani yatawe kure mumigisha yawe
  37. Rero Umuremyi wiwe yaramwakiriye neza atako aramukuza neza aca agira intumwa y’Imana Zakariya (iii) ngo abe umurezi w’ico kibondo, n’ingene intumwa y’Imana Zakariya (iii) yinjira mucumba c’iwe yahasanga ibifungurwa ari kumwe na Mariyamu (iii) aca avuga ati:- ewe Mariyamu (iii) ibi bintu vyose ubironkeye hehe? Nawe yamwishura ati:- ibi vyose bivuye ku Mana, n’Imana iha uwo yishakiye utarinze kugiriranira ibiharuro
  38. Aho nyene intumwa y’Imana Zakariya (iii) yaciye isaba Umuremyi wiwe ivuga iti:- Muremyi wanje n’umpe kubivuye iwawe umpe ikibondo c’intungane, kuko arI wewe wumva ibisabisho vy’abagu takambira bose
  39. Mu mwanya aba Marayika baramu shikiriza ubutumwa nawe ahagaze ariko arasengera mucumba yuko Imana igushikirije inkuru nziza y’intumwa y’Imana Yahya (iii) yuko azoba ariwe azokwemeza kw’ijambo rizoba rivuye Kumana, n’uwuzoba ari umugabo abukwiye atarigera yubaka urwiwe n’ukuba intumwa y’Imana ivuye mubantu beranda
  40. Intumwa y’Imana Zakariya (iii) yavuze iti:- Muremyi wanje, mbega nzoronka gute ikibondo mugihe ubusaza bwanshikiye, n’umukenyezi wanje nawe ari ingumba, nayo ica imwishura iti:- uko niko bimeze kuko Imana igira uko yishakiye
  41. Yavuze iti:- ewe Muremyi wanje, nshirirako ikimenyetso, nayo imwishura iti:- ikimenyetso cawe nuko utazo shobora kuvugana n’abantu kukiringo c’imisi itatu ikurikirana atari uko uzokoresha ibimenyetso gusa, kandi uhayagiza Umuremyi wawe cane kandi mugihe co k’umugoroba no mu gitondo
  42. N’Abamarayika mugihe bavuga bati:- ewe Mariyamu (iii) mu vy’ukuri Imana yagutoye nuku gusukura kandi n’ukugutera iteka gusumba abakenyezi bo kw’isi yose
  43. Ewe Mariyamu (iii) n’ugamburukire Umuremyi wawe kandi ushire umutwe wawe hasi ube hamwe n’abunama
  44. Izi n’inkuru zitazwi tugushikiriza nawe aho wari uri ntiwari kumwe nabo mugihe bajugunya amakaramu yabo mumazi, none ni nde muribo azorera Mariyamu (iii) na wewe siho wari uri mugihe bahiganwa
  45. Mugihe Abamarayika bavuga bati:- ewe Mariyamu (iii) Imana irakumenyesheje inkuru nziza ry’ijambo rivuye kuriyo, n’izina ryiwe n’umuhanaguzi ariwe Issa umwana wa Mariyamu (iii) afise urupfasoni ntangere ngaha kw’isi no k’umusi w’imperuka kandi ni muri bamwe bari hafi cane y’Imana
  46. Nawe azoganira n’abantu kuva mubuto bwiwe no mugihe c’ukuba umushingantahe kandi no mubagira ineza
  47. Yishura avuga ati:- Muremyi wanje jewe nzoronka gute ikibondo mugihe ata n’umuntu n’umwe arankora ko? Nayo imbowishura iti:- uku niko bimeze, Imana irema uko yishakiye, kandi imaze guca urubanza rw’ikintu ngo kibe, ica ikibwira ico kintu kuba kigaca kiba
  48. Izomwigisha kwandika n’ubumenyi n’ukumenya igitabu ca Taurati hamwe n’igitabu c’Injili
  49. Izomugira intumwa y’Imana kuri bene Israeri, nukuba bwira iti:-ndaje ndabafitiye ivyemezo bivuye ku Muremyi wanyu, yuko ndabaremeye ndabakuye mw’ivu nk’ishusho ry’inyoni, hanyuma ngaca mpuhera ko mumwanya igaca iba inyoni kw’itegeko ry’Imana, kandi ngakiza impumyi n’abafise imibembe, kandi nkazura n’abitavye Umuremyi wabo kw’itegeko ry’Imana, kandi nzobabwira ivyo muzo fungura hamwe n’ivyo muzo ziganya mumazu yanyu, ntankeka muri ibi vyose harimwo ivyemezo kuri mwebwe ni mwaba muri mu bantu bemera Imana yabo y’ukuri
  50. Nzoba nd’umwemezi w’ivyabaye imbere yanje biri mugitabu c’Imana ca Taurati, kandi kugira ngo ndabahe uburenganzira buri muri bimwe mubintu mwari mwabujijwe, kandi nkaba nabazaniye n’ivyemezo bivuye ku Muremyi wanyu, kuri ivyo rero ni mutinye Imana yanyu, kandi muteko mungamburukire
  51. Mu vy’ukuri Imana niyo Muremyi wanje, kandi niyo Muremyi wanyu, rero ni muyisenge kuko ariyo nzira igororotse
  52. Mugabo intumwa y’Imana Issa (iii) mugihe yabona amanyama yabo, yaciye avuga ati:- ni bande bazoba abafasha banje bazoshikiriza ubutumwa bw’Imana? Abanyeshuri biwe bavuze bati:- twebwe turi mubafasha b’Imana, kandi twaremeye Imana yacu y’ukuri kandi nube uri icabona yuko twebwe twitanze ku Mana
  53. Muremyi wacu, turemeye ivyo wamanuye vyose, kandi twakurikiye intumwa yawe, rero n’utwandike tube hamwe n’ivyabona
  54. Baragize amarorerwa Imana nayo ica irahirika ayo marorerwa yabo n’Imana niyo nziza muguhirika ayo marorerwa yabo
  55. Mugihe Imana yavuga iti :- ewe Issa mwene Mariyamu (iii) :- jewe nzowukwiza umwanya wawe w’ukubaho, hanyuma nze ndakugarure iwanje nce ndagusukura hamwe na bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri, hanyuma nze nshireho bamwe bagukurikiye hejuru ya bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri kugeza k’umusi w’imperuka, hanyuma ingaruka yanyu izoba iwanje nce ndabacira urubanza kuvyo mwahora mutumvikana ko
  56. Nayo bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri, nzobahana ibihano bikaze cane ngaha kw’Isi no k’umusi w’imperuka, kandi ntibazoronka abazo bafasha
  57. Nayo abemeye Imana yabo y’ukuri n’ukugira ibikorwa vyiza, abo nibo Imana izoriha impembo yabo ikwiye kandi Imana ntikunda abahemukiye imitima yabo
  58. Aya majambo tugusomera, nimuri y’amajambo y’Imana matagatifu hamwe n’ubutumwa burimwo ubuhizi bukomeye cane
  59. Ntankeka uko ameze intumwa y’Imana Issa (iii) imbere y’Imana ni nkakumwe kw’intumwa y’Imana Adamu (iii) kuko yamuremye imukuye mw’ivu hanyuma imubwira iti:- nube ho nawe aca araba ho
  60. N’ukuri kuvuye ku Muremyi wawe, rero nawe ntube uri mubantu bafise amakenga
  61. Mubazo kubaza kuri ibi bintu vyose munyuma yaho umaze gushikirwa n’ubumenyi wewe n’ubabwire uti:- nimuze duhamagare ibibondo vyacu hamwe n’ibibondo vyanyu hamwe n’abakenyezi b’iwacu hamwe n’abakenyezi b’iwanyu hamwe natwebwe namwe, hanyuma duce dusaba n’ubwitonzi ntangere dusabe umuvumo ku Mana hanyuma ubamanukire abo babeshi bose
  62. Mu vy’ukuri ibi nivyo biganiro vy’ukuri, kandi atayindi Mana ikwiwe gusengwa atari Imana yonyene gusa, kandi mu vy’ukuri Imana niyo nyene ubushobozi n’ubuhizi buhagije
  63. Nibatemera Imana yabo y’ukuri, mbega Imana yo ntizi abononyi
  64. Vuga uti:- mwebwe bantu mwahawe igitabu, nimuze kw’ijambo rigororotse riri hagati yacu hamwe namwe yuko tutazo senga icarico cose atari Imana yonyene gusa, kandi ntituyigereranye n’ikindi kintu, kandi no muri twebwe ntitugire abandi kuba arizo Mana aho kuba ari Imana yonyene rudende gusa, niba hakana muce muvuga muti:- ni mube ivyabona yuko twebwe turi aba Isilamu b’ukuri
  65. Mwebwe bantu mwahawe igitabu ni kuki muharira kubera intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) mugihe igitabu c’Imana ca Taurati hamwe n’igitabu c’Imana c’Injili bitamanuwe atari uko vyaje munyuma yiwe! Mbega ivyo vyose mwebwe ntimubizi
  66. Nimurabe kuri mwebwe mwagize ibihari kubintu mufitiyeko ubumenyi buhagije, none ko muharira kubintu ata bumenyi mubifitiyeko, n’Imana niyo ifise ubumenyi buhagije, mugabo mwebwe ntanakimwe muzi namba
  67. Intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) ntiyari mubwoko bw’Abayahudi canke mubwoko bw’abakirisu, mugabo yari mu bantu barongotse kandi bagamburuka, kandi ntiyari mu bantu bagereranya Imana n’ibindi bintu
  68. Mu bantu begereye cane intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) nibarya bamukurikiye hamwe n’iyi ntumwa y’Imana Muhammadi (aui) hamwe n’abamwemeye bose, n’Imana niyo ikingira abayemeye bimwe vy’ukuri
  69. Mu bahawe igitabu c’Imana gitagatifu, bipfuza yuko bobazimiza, mugabo ntibazimiza atari imitima yabo gusa, mugabo ntavyo bazi
  70. Mwebwe mwahawe igitabu c’Imana gitagatifu, ni kuki muhakana amajambo y’Imana matagatifu mugihe mubifitiye ko ubumenyi
  71. Mwebwe mwahawe igitabu c’Imana gitagatifu, ni kuki muvanga ukuri kwama hamwe n’ibinyoma bigaritse, hanyuma mukanyegeza ukuri kwama namwe mukuzi
  72. Na bamwe bahawe igitabu c’Imana gitagatifu bavuze bati :- ni mwemere ivya manuriwe aba Isilamu kuva muntango z’umurango hanyuma muyahakane bisanzure ugorovye, nkumbure bo garuka
  73. Kandi ntimu mwemere umuntu uwariwe wese atari uwukurikira idini ryanyu, rero vuga uti :- ntankeka uburongozi nyakuri n’uburongozi bw’Imana, y’uko azohabwa umwe muribo nk’ivyo mwahawe mwebwe canke muze mubazwe imbere y’Umuremyi wanyu, nawe vuga uti :- mu vy’ukuri imigisha yose iri muminwe y’Imana kuko niyo iha uwo yishakiye, n’Imana niyo yagutse kandi niyo ifise ubumenyi buhagije
  74. Itora ku migisha yayo uwo n’Imana niyo nyene imigisha mininiya
  75. No mubahawe igitabu c’Imana gitagatifu harimwo abo wobabitsa ikintu c’amatungo bakagi subiza, no muribo harimwo abo wobabitsa ikintu kingana n’Idinari imwe batigera bayi gusubiza kiretse ubandanije ubahaze ko, ivyo vyose n’uko bavuze bati :- ntayindi nzira iri hejuru yacu kubera aba bantu badafise ubwenge nabo n’ababesha ku Mana mugihe bafise ubumenyi y’uko atari vyo
  76. Siko k’uko, uwemeza indagano yiwe n’ugutinya Imana, mu vy’ukuri Imana niyo ikunda abikinga
  77. Mu vy’ukuri bamwe bagurisha amasezerano y’Imana hamwe n’indahiro zabo kubera amaronko makeyi y’aha kw’Isi, abo bantu nibo ataco bazoba bafise na gitoyi c’imigisha yo mw’Ijuru, kandi Imana ntizovugana nabo canke ibarabe k’umusi w’imperuka kandi ntizoba sukura nabo bazoronka ibihano bibabaza cane
  78. No muribo harimwo bamwe indimi zabo zihengamye mugusoma igitabu kugira ngo mushobore kwihweza ayo majambo yabo yuko ari ayo mugitabu c’Imana canke atariyo, kandi bakavuga bati:- aya majambo avuye ku Mana mugihe atavuye ku Mana n’ukubeshera Imana nabo bazi yuko ari ububeshi gusa
  79. Ntibibaho k’umuntu Imana yahaye igitabu hamwe n’ubutegetsi hamwe n’ukuba intumwa y’Imana ace abwira abantu ati:- ni mube mubansenga jewe aho gusenga Imana yonyene rudende, ahubwo nimube abasenga Imana kuko muriko murigisha igitabu c’Imana kandi nuko mwamye mugisoma
  80. Kandi ntitubategeka ngo mugire Abamarayika hamwe n’intumwa z’Imana ngo zibe arizo Mana, mbega zizo tegeka ubuhakanyi namwe mwamaze kuba aba Isilamu
  81. N’igihe Imana yagiranira amasezerano kuntumwa z’Imana azibwira ati:- ninaheza kubaha igitabu hamwe n’ubuhizi, munyuma yaho hakaza intumwa yemeza ibiri kumwe namwe, ni hejuru yanyu guca mumwemera n’ukumufasha, Imana ica ivuga iti:- mbega muremeye gufata ubutumwa bwanje kuri ivyo, nabo bishura bati:- turemeye, nayo ica isubira kuvuga iti:- rero nimube ivyabona, nanje ndikumwe namwe muvyabona
  82. Rero abazo hakana munyuma yaya majambo, abo nibo basenyuzi b’amateheko y’Imana
  83. Mbega bashaka idini atari idini ry’Imana, mugihe ibiri mu Majuru yose no kw’Isi bigamburukira Imana bishaka canke bidashaka, niwe niho bazosubizwa abantu bose
  84. Vuga uti:- twaremeye Imana y’ukuri hamwe nivyo twamanuriwe nivyo yamanuriwe intumwa y'Imana Ibrahimu (iii) na Ismaili (iii) hamwe na Is’haka (iii) na Ya’akubu (iii) hamwe n’ibibondo vyiwe, hamwe n’ivyo yahawe intumwa y’Imana Mussa (iii) na Issa mwene Mariyamu (iii) hamwe n’izindi ntumwa zivuye ku Muremyi wabo, natwe ntituvangura hagati yabo n’umuntu n’umwe, natwe tugamburukiye kuri yo
  85. N’uwushaka idini atari idini rya Isilamu, ntirizo kwemererwa kuriwe nayo k’umusi w’imperuka azoba ari muruhombo runiniya cane
  86. Mbega Imana izorongora gute abantu bayihakanye munyuma yaho bamaze kwemera kwabo n’ukuba ivyabona y’uko intumwa y’Imana ari iy’ukuri n’ugushikirwa n’ivyemezo biri k’umugaragaro, rero Imana ntirongora abantu bahemukira imitima yabo
  87. Abo bantu impembo yabo nuko hejuru yabo hari umuvumo w’Imana hamwe nuw’Abamarayika hamwe nuw’abantu bose
  88. Muri uwo muriro udahera bazowuba mwo mubuzima bwabo bwose, kandi ntibazo gabanirizwa ibihano canke ngo baronswe n’akanya k’ukuruhuka
  89. Dukuye mwo abasavye ikigongwe munyuma y’ivyo n’ukugira ibikorwa vyabo, mu vy’ukuri Imana niyo ifise imbabazi nyinshi n’impuhwe zihagije
  90. Mu vy’ukuri bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri bamaze kuyemera hanyuma bakabandanya bahakana, ikigongwe cabo ntikizo kwemererwa na gatoyi, n’abo nibo bazimiye bimwe vy’ukuri
  91. Mu vy’ukuri bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri hanyuma bakitaba Imana yabo nabo ari abahakanyi b’Imana, rero ntihazo kwemererwa umuntu uwariwe wese naho yoba yatanze ingwati y’inzahabu y’ukwuzuza iy’Isi yose, abo bantu nibo bazoronka ibihano bibabaza kandi ntibazoronka abafasha
  92. Ntimuzo shobora gushikira ineza iyariyo yose kugeza aho muzotanga kuvyo mukunda, nivyo mutanga mu vy’ukuri Imana irabizi
  93. Mubi fungurwa vyose vyari birekuriwe n’amategeko y’Imana k’uruvyaro rwa bene Israeri, dukuyemwo muvya bujijwe na bene Israeri kubwabo imbere yuko hamanurwa igitabu c’Imana c’ukuri ca Taurati, wewe n’uvuge uti:- nimuzane ico gitabu ca Taurati nimwaba muvugisha ukuri kwama
  94. Nuwuzo kwiyadukiza uwariwe wese mukubeshera Imana munyuma yibi vyose, abo bantu nibo bazoba bahemukiye imitima yabo
  95. Vuga uti:- Imana yavuze ukuri kwama, rero nimukurikire imigenzo kama y’intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) yabaye umuntu mweranda kandi ntiyari mubantu bagereranya Imana n’ibindi bintu
  96. Mu vy’ukuri inyubakwa ya mbere yashinzweho kubera abantu nirya iri Makkat ifise imigisha n’uburongozi kebera abantu bose
  97. Muri iyo nyubakwa harimwo ibimenyetso biri k‘umugaragaro vyerekana ahantu yahora ahagarara intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) n’uwinjiye muri iyo nyubakwa azoba yinjiye ahantu h’amahoro, n’Imana yarabategetse abantu ngo bagire urwo rugendo rutagatifu muri iyo ngoro yayo k’umuntu yishoboye kugira urwo rugendo rutagatifu aho nyene, mugabo uwuzo hakana kujayo, Imana ntikeneye icarico cose kubiremwa vyiwe vyose
  98. Vuga uti:- mwebwe bantu mwahawe igitabu c’Imana c’ukuri, ni kuki muhakana ivyemezo vy’Imana mugihe Imana ariyo cabona iri hejuru y’ibintu vyose mugira
  99. Vuga uti:- mwebwe mwahawe igitabu c’Imana c’ukuri, ni kuki muzitira abantu munzira y’idini ry’Imana ku bantu bemeye Imana yabo y’ukuri, hanyuma mukarondera ikosa namwe muri ivyabona, n’Imana ntiyibagira kuvyo mugira
  100. Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, nimwa gamburukira bamwe bahawe igitabu c’Imana, bazoba subiza kuba mubahakanyi b’Imana mugihe mwari mumaze kuba aba Isilamu
  101. None mwanka iki mugihe musomerwa amajambo y’Imana matagatifu hamwe na y’intumwa y’Imana yuko iri kumwe namwe, n’uwufata Imana yiwe nka nkama, uyo muntu azoba yararongowe munzira igororotse
  102. Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, nimutinye Imana yanyu bimwe biboneka, kandi ntimuze musandabe atari uko mwabaye aba Isilamu b’ukuri
  103. Nimufatane k’umugozi w’Imana mwese uko muri kandi ntimusanzarane, kandi mwibuke imigisha y’Imana iri hejuru yanyu, mugihe mwari abansi kubandi nayo ica irahuza imitima yanyu kumigisha yayo nukuba mwese abavandimwe, kandi mwari kunkengera y’ikinogo c’umuriro wa Jahannamu nayo ica irabarokora nuwo muriro, uko rero niko Imana ibabenyesha amajambo yayo matagatifu kugira ngo mushobore kurongoka
  104. Nihabe muri mwebwe abantu bashikiriza ubutumwa bw’amahoro hamwe n’abategeka abantu kugira ineza, hamwe n’ugutuza abantu kugira amabi, abo nabo nibo bantu bazoba batekaniwe
  105. Kandi ntimube nkabamwe bacanamwo n’ukutumvikana mugihe bashikirwa n’ivyemezo biri k’umugaragaro, nabo rero nibo bantu bazoba bafise ibihano biniya cane
  106. K’umusi waho amaso y’abantu azoba yera derere, n’ayandi maso azoba yirabura:- mbega mwoba mwarahakanye munyuma y’ukwemera kwanyu? rero nimuhonje ibihano kubera ubuhakanyi bwanyu
  107. Nayo abazoba amaso yabo yera derere, ngaho mw’ijuru bazobayo mumigisha y’Imana abo bazobayo mubuzima bwabo bwose
  108. Aya niyo majambo y’Imana matagatifu tugusomera bimwe vy’ukuri, n’Imana ntikunda guhemukira ibiremwa vyiwe
  109. N’ikiri mw’ijuru cose hamwe n’ikiri kw’Isi ni c’Imana, n’ibintu vyose bizosubizwa ku Mana
  110. Ni mwebwe bantu beza gusumba abandi bantu berekanywe, kuko mutegeka ibintu vyiza hamwe n’ugutuza amabi ayariyo yose, kandi mukemera Imana yanyu bimwe bivuye kumizirikanyi yanyu, nabamwe bahawe igitabu c’Imana iyo bemera Imana yabo y’ukuri, vyari kuba vyiza kuribo, n’abandi muribo harimwo abemera Imana yabo y’ukuri, n’abandi benshi muribo n’abiyonkora bava mumuco w’Imana
  111. Ntanabi bazoba girira atari amabi mato mato, nimwatana mumitwe nabo bansi bazobaha ibitugu vyabo biruka hanyuma ntibazo rokorwa
  112. Baratewe ishusho ry’ibimaramare aho bari hose, dukuyemwo umugozi w’Imana canke umugozi w’abantu bategerezwa guhabwa ibihano vy’Imana hamwe n’ishusho y’ibimaramare ryatewe kuribo, ivyo vyose n’ukubera ukutemera amajambo y’Imana n’ukugandagura intumwa z’Imana ata kuri babifitiye mwo, kandi ivyo vyose n’ukubera yuko biyonkoye n’ugusimba imbibe zashinzwe n’Imana
  113. Nabo sibose uko bangana mubahawe igitabu c’Imana, kuko harimwo abantu batumbereye basoma amajambo y’Imana mumyanya y’ijoro, kandi bagapfukama bashize imitwe yabo hasi
  114. Bemera Imana yabo y’ukuri hamwe n’umusi w’imperuka, kandi bategeka abantu kugira ineza hamwe n’ugutuza amabi, kandi bakayagirako kubintu vyihutirwa vyiza, nabo nibo bantu bari mubagira ineza
  115. N’ineza iyariyo yose bagira ntibazo yihakanirwa namba, n’Imana kuko niyo ifise ubumenyi bw’abayitinya
  116. Mu vy’ukuri bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri, amatungo yabo ntaco azoba marira na gatoyi hamwe n’ibibondo vyabo imbere y’Imana, nabo nibo bantu bo mumuriro udahera bazobayo mubuzima bwabo bwose
  117. Akarorero kivyo batanga mubuzima bwabo ngaha kw’Isi nink’umuyaga urimwo imbeho ikaze cane waciye wonona umurima w’abahemukiye imitima yabo n’ukuwuhonya uwo murima burundu, n’Imana ntiyabahemukiye mugabo nibo bonyene bahemukiye imitima yabo
  118. Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, ntimubagire ababafitiye amabanga yanyu kuba mubantu batari muri mwebwe, kuko abo bantu ntibazoreka kubagirira inabi iyariyo yose bayishaka kuri mwebwe, kuko bakunda ibibagirira inabi z’indyane zibonekera muminwa yabo hamwe n’ibinyegezwa mubikiriza vyabo nivyo bininiya cane, rero ivyo nivyo tuba menyesheje mubimenyetso vyose nimwaba mwebwe muri mu bantu bategera neza
  119. Oh! mwebwe muraba kunda mugihe nabo bataba kunda na gatoyi, namwe muremera ibitabu vyose, mugihe bahuye namwe baca bavuga bati:- twebwe turemeye mugabo mugihe biherereye bonyene baca baba hekenyera ibijigo n’ububabare bw’inshi cane, wewe n’uvuge uti:- ni mupfane n’ubwo bubabare bwanyu mu vy’ukuri Imana niyo ifise ubumenyi bw’ibiri mubikiriza vyanyu
  120. Mushikiwe n’amahoro, bica bibatera agahinda hanyuma mushikiwe n’ivyago baca banezerwa kuri ivyo vyabashikiye, rero nimwihangana n’ugutinya Imana yanyu y’ukuri, ingeso zabo nta n’ikintu na kimwe kizoba marira, mu vy’ukuri Imana niyo ifise ubumenyi buhagije bw’ivyo mugira vyose
  121. Kandi wibuke mugihe wasohoka mugitondo usize umuryango wawe kugira ngo ubategurire aba Isilamu ikibanza c’ukurwanira mwo, n’Imana niyo yumva kandi niyo ifise ubumenyi buhagije
  122. Imirwi ibiri yo muri mwebwe mugihe yitegurira kugira ubwoba n’Imana ica iba umuhagarikizi wiyo mirwi yose uko ari ibiri, naba Isilamu aho bari nibizere Imana yabo gusa
  123. N’Imana niyo yabarokoye mungwano ya Badru, mugihe ata bushobozi mwari mufise, rero nimutinye Imana yanyu kugira ngo mushobore kuyikengurukira
  124. Mugihe yabwira aba Isilamu ati:- mbega mwebwe ntimuhagijwe n’Imana yanyu, mugihe yobafashisha Abamarayika ibihumbi bitatu bazoba bamanuwe nayo
  125. Egome, nimwigumya n’ukwirinda n’ivyabujijwe nayo n’ukubashikira n’ingoga na n’ingoga, aho niho Imana yanyu izo bafasha kubamarayika ibihumbi bitanu basatira n’inguvu nyinshi cane
  126. N’Imana ntiyagize ibi vyose atari uko ari ibimenyetso kuri mwebwe kugira ngo imitima yanyu ishobore guhumura kuriyo, n’imfashanyo ntisohoka atari kububasha bw’Imana kuko niyo ifise ubushobozi n’ubuhizi buhagije
  127. Kugira ngo ice kimwe mu bihimba vyo muri bamwe bahemukiye Imana yabo y’ukuri, canke ibatetereze kugira ngo bashobore kugaruka bamaze gutsindwa
  128. Wewe ntanakimwe ufise muri izi mpanuro, canke ngo ubagirire ikigongwe canke ngo ubahane, kuko n’abantu bahemukiye imitima yabo
  129. Vyose nivy’Imana gusa ibiri mu Majuru n’ibiri kw’Isi, rero igirira ikigongwe kuwo yishakiye n’uguhana uwo yishakiye, n’Imana niyo nyene imbabazi n’impuhwe zihagije
  130. Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, ntimurye amatungo y’umurengero, mukaguma mwongereza ayo matungo kuyandi, kandi mutinye Imana yanyu kugira ngo mushobore gutunganirwa
  131. Kandi mutinye umucanwa wabikiwe abahakanyi bahakanye amategeko y’Imana
  132. Kandi mutinye Imana yanyu y’ukuri hamwe n’intumwa yayo kugira ngo muronke impuhwe zayo
  133. Ni mwihute n’ingoga na n’ingoga mugusaba ikigongwe c’Umuremyi wanyu hamwe n’Ijuru ryayo, ubwaguke bw’aryo ni nk’Ijuru n’Isi, ryabikiwe abatinya Imana yabo y’ukuri gusa
  134. Nabamwe batanga amatungo yabo biboroheye no munzira zitoroshe, n’abihangana mugihe c’ishavu hamwe nukugirira imbabazi ku bantu, n’Imana ikunda abagira ineza
  135. N’abagira ibintu vy’umwanda n’uguhemukira imitima yabo bama bibuka Imana yabo, nugusaba imbabazi kubera ibicumuro vyabo bagize, none ni nde agirira ikigongwe c’ibicumuro atari Imana yonyene? Kandi ntibabandanya nivyo bagize mugihe bafise ubumenyi buhagije
  136. Abo nibo impembo zabo zizoba ari ikigongwe k’Umuremyi wabo hamwe n’imirima iri imbere yabo n’inzuzi zica imbere yabo, muriyo bazobayo mubuzima bwabo bwose, nayo n’ineza imeze gute y’impembo y’abagira ineza
  137. Haraciye ibihano vy’ubwoko butandukanye bwahawe abamyeho imbere yanyu, nimugire ingendo kuri iy’Isi hanyuma murabe amaherezo yabamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri
  138. Ibi n’ibiganiro biri k’umugaragaro ku bantu bose, hamwe n’indongozi zishikiriza ubutumwa ku bantu batinya Imana yabo y’ukuri
  139. Ntimudebukirwe kandi ntimufatwe n’agahinda kuko ni mwebwe muzoba muri hejuru, nimwaba mwemera neza bimwe vy’ukuri
  140. Nimwaba mwararonse ibikomere, rero nabo bantu barahuye n’ivyo bikomere n’imisi imeze nk’iyi tubazanira abantu kw’izamu, kugira ngo Imana itandukanye abayemeye bimwe vy’ukuri, kandi igire muri mwebwe ivyabona vyayo, n’Imana ntikunda abantu bahemukiye imitima yabo
  141. Kugira ngo Imana ibasukure abayemeye bimwe vy’ukuri n’ukuba hanagura abayikahanye bimwe vy’ukuri
  142. Mbega mwiyumvira yuko muzo kwinjira mw’Ijuru mugihe Imana itara tandukanya muri bamwe barwanira idini ry’Imana muri mwebwe hamwe n’ukuba tandukanya abihanganye
  143. Namwe mwamye mwipfuza urupfu imbere yuko muhura narwo, none mwarubonye kandi murwitegereza
  144. Ntiyari kuba Muhammadi (aui) atari uko ari intumwa y’Imana gusa, hakaba haraciye imbere yiwe izindi ntumwa z’Imana, none asandavye canke yishwe, niho muzoca musubiza ibirenge vyanyu inyuma n’uguca muba abahakanyi b’Imana nkuko mwamye aho hambere? Rero uwuzo subiza ibitsintsiri vyiwe inyuma ntaco azogira Imana kukintu icarico cose, nayo izoba hemba abayikengurukira
  145. N’umutima uwariwo wose ntuzoshobora kw’itaba Umuremyi wayo atari kw’itegeko ry’Imana, kandi biturutse kw’isanganya ryagenewe ko, n’uwushaka impembo yaha kw’Isi tuzoyimuha, nayo uwushaka impembo yo mw’ijuru tuzoyimuhera iyo nyene, mu vy’ukuri tuzohemba abashima
  146. N’intumwa z’Imana zingahe zatanye mumitwe n’abansi babo hamwe nabo hakaba muribo abatagatifu benshi cane mugabo ntibacitse imvutu kuvyabashikiye munzira y’Imana kandi ntibacitse imvutu kandi ntibateterewe, n’Imana ikunda abantu batenyenya
  147. Kandi ntiyabaye imvugo yabo atari uko bavuga bati:- Muremyi wacu, n’uduhanagurire ibicumuro vyacu vyarenze urugero mu bintu vyacu vyose, kandi udutere intege kumaguru yacu kandi udukingire n’abahakanyi b’Imana
  148. Imana ibahemba impembo yo ngaha kw’Isi, hamwe n’impembo nziza yo mw’ijuru, n’Imana ikunda abagira ineza
  149. Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, nimwa gamburukira abahakanye Imana yabo y’ukuri, bazoba subiza inyuma kandi muzoba muri m’uruhombo runiniya cane
  150. Ahubwo Imana niyo Muremyi wanyu, kandi niyo nziza mubafasha bayo
  151. Tuzoshira ubwoba mumitima yabarya bahakanye Imana yabo y’ukuri, kubera ubugereranyi bwabo bw’Imana y’ukuri, hamwe n’abata manuriwe ivyemezo vyemeza iyo Mana, n’ubwicaro bwabo buzoba ari ubwo mu muriro udahera, nabwo n’ubwicaro bubi bumeze gute! kandi n’ubwicaro bw’abahemukiye imitima yabo
  152. N’Imana yarabakwirije amasezerano yayo, namwe muca muraba gandagura kw’itegeko ryayo kugeza naho mwadebukirwa n’ugucanamwo muri urwo rubanza n’ukwiyonkora munyuma yaho yamara kubereka muvyo mwakunda, hakaba muri mwebwe abakunda ivy’Isi, hakaba n’abandi muri mwebwe bakunda Ijuru, hanyuma Imana ica ibashira kure nabo kugira ngo ibahe indero ikwiye, nayo ubu yarakibagiriye ico kigongwe, n’Imana niyo nyene imbabazi nyinshi ku bantu bayemera bimwe vy’ukuri
  153. Mugihe mwahora mwirukanga n’ingoga na n’ingoga namwe ata n’umwe mwumviriza, no mugihe intumwa y’Imana yaba hamagara nawe ari inyuma yanyu, bica biramu maramaza hejuru y’ibimaramare kugira ngo namwe ntimumaramare, kubintu vy’abatakaranye canke kuvyabashikiye, n’Imana niyo ifise inkuru y’ibintu vyose mugira
  154. Hanyuma mu nyuma yivyo bimaramare vyose Imana yaraba manuriye ihumure n’itiro ryaciye ripfuka umurwi umwe muri mwebwe, hakaba hari uwundi murwi imitima yabo yabatera impungenge bikeka ku Mana ivyikeko atarivyo, bikaba ari ivyikeko vy’ubujuju kuuko bavuga bati:- mbega turafise itegeko muri ibi bintu? vuga uti :- ibintu vyose ni vy’Imana mugabo banyegeza ibiri mumitima yabo muvyo badashobora kukwereka n’ukuvuga bati:- iyo tuba dufise icarico cose muri ibi bintu ntitwari kugandagurirwa ngaha, vuga uti:- naho mwari kuba mumazu yanyu, bari gusohoka bamwe bandikiwe urupfu rwabo bakaja k’uruhande rw’abo rw’ukurwayo bagapfa n’ukwerekana ibiri mumishaha yanyu, n’Imana niyo ifise ubumenyi bw’ibiri mumishaha yanyu
  155. Bamwe basubira inyuma k’umusi waho ingabo zose uko ari zibiri zatana mumitwe Shetani niyo yabanyereje kuvyo bagize n’Imana yarabagiriye ikigongwe mu vy’ukuri Imana niyo nyene Impuhwe nyinshi kandi niyo ntore
  156. Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri ntimube nkaba hakanye Imana yabo y’ukuri, n’ukuvugira hejuru ya bene wabo mugihe bagira urugendo rwo ngaha kw’isi canke mugihe batana mumitwe bagapfa, iyo bobaye iwacu ntibari gupfa canke ngo bacikane, kugira ngo Imana ibigire gutyo ngo bibabereko agahinda k’umitima yabo, n’Imana niyo irema n’ukwica, n’Imana niyo ibona ibintu vyose mugira
  157. Nimwapfira munzira y’Imana canke mugapfa, none ikigongwe n’Impuhwe nibiba bivuye ku Mana kandi nivyo vyiza gusumba ivyo begeranya
  158. Nimwa sandaba canke mukicwa, muzo kwegeranywa imbere y’Imana
  159. Rero kubera impamvu z’Impuhwe zizoba zivuye ku Mana yawe ubaye umuntu woroshe kuribo, mugabo iyo uba umuntu ufise umukazo n’umutima ukomeye abantu bose bari kuguhunga, rero n’ubagirire ikigongwe, kandi ubasabire ikigongwe, kandi mwumvikane nabo mu bintu vyose, kandi niwagira icipfuzo icarico cose niwizere Imana yawe gusa, mu vy’ukuri Imana ikunda cane abayizera
  160. Niyaba Imana yarabakingiye bimwe vy’ukuri, rero ntayindi ishobora kubatsinda, nahone niyabareka gutyo ni nde azoba kingira inyuma yayo? Rero aba Isilamu nibizere Imana yabo y’ukuri
  161. Kandi ntibishoboka kuntumwa y’Imana kugira inzigo, n’uwuzogira inzigo azobizana ivyo yagiriye ko iyo nzigo hanyuma umuntu uwariwe wese azorihwa kuvyo yakoreye kandi ntibazo hemukirwa
  162. Mbega uwakurikiye ivyanejereje Imana ni nk’umwe yari akwiriye ishavu ry’Imana, n’ubw’icaro bwiwe bukaba ari ubwo mu muriro udahera, naho n’ahantu habi cane haho umuntu atokwipfuza gusubira yo
  163. Abo bantu bari n’iteka imbere y’Imana, nayo niyo ibona ibintu vyose bagira
  164. Mu vy’ukuri Imana yarabagiriye Impuhwe zitagira uko zingana cane cane aba Isilamu, mu kubazanira intumwa y’Imana yo muribo iba somera amajambo yayo n’ukubasukura hamwe n’ukubigisha igitabu hamwe n’ubuhizi, kandi ntankeka imbere yivyo vyose bari mu buzimire buri k’umugaragaro
  165. Mwebwe mugihe mwashikirwa n’ivyago kuri mwebwe mwamaze kugira abansi banyu incuro zibiri z’ubwo bubisha muvuga muti:- ubwo bwansi bwavuye hehe? Vuga uti:- ubwo bwansi bwavuye iwanyu mu vy’ukuri Imana niyo nyene ububasha buri hejuru y’ibintu vyose
  166. N’ivyago vyabashikiye kuri wa musi wihwaniro z’ingabo zose uko ari zibiri vyose vyari kw’itegeko ry’Imana, nukuba tandukanya abemeye Imana yabo y’ukuri
  167. Nukuba tandukanya abamye ari ababeshi nabo babwiwe bati:- nimuze murwane munzira y’Imana canke muzitire, nabo baciye bavuga bati:- iyo tubimenya yuko hariho ingwano, ntankeka twari kuba kurikira kuko wamusi bari hafi y’ubuhakanyi gusumba ubu Isilamu, bavugisha iminwa yabo gusa kubitari mumishaha yabo, n’Imana niyo ifise ubumenyi buhagije bwivyo bagira vyose
  168. Abavuze kuri bene wabo n’ukutagenda k’urugamba iyo batu gamburukira ntibari kwicwa, nawe vuga uti:- nimwikureko urwo rupfu nimwaba muvugisha ukuri kwama
  169. Kandi ntimwiyumvire yuko bamwe bitavye Umuremyi wabo bari munzira y’Imana ngo n’abapfuye, ahubwo ni bazima bahabwa imihezagiro ivuye k’Umuremyi wabo
  170. Banezerezwa nivyo Imana yabahaye kumigisha yayo nugusamarira kuri bamwe batiyunze nabo bari inyuma yabo yuko ata bwoba buzoba buri kuribo canke batazo teterezwa
  171. Basamarira imigisha hamwe n’imihezagiro y’Imana yuko Imana idatakaza impembo z’abayemera bimwe vy’ukuri
  172. Abitavye akamo batewe n’Imana hamwe n’intumwa y’Imana munyuma y’ibikomere baronse kubagize ibikorwa vyiza, nabo nibo batinye Imana yabo y’ukuri, abo nibo impembo yabo izoba ari niniya
  173. Ababwiwe n’abantu yuko abantu babakoraniyeko, kuri ivyo nimubatinye mugabo ayo majambo yaciye abaha intege y’ukwemera n’ukuvuga bati:- Imana niyo iduhagije kandi niyo idukingiye neza cane
  174. Baciye basubira mungwano n’imigisha y’Imana hamwe n’imihezagiro yayo, kandi nta nabi n’imwe yabakozeko nuguca bakurikiza ivyanezereje Imana, nayo niyo nyene imigisha mininiya cane
  175. Mu vy’ukuri urya yateye ubwoba bagenzi babo ni Shetani, namwe ntimubatinye ahubwo nimutinye jewe Mana yanyu ni mwaba muri aba Isilamu b’ukuri
  176. Kandi ntibabatere agahinda bamwe birukira m’ubuhahakanyi bw’Imana y’ukuri mu vy’ukuri nta nakimwe bazogira kw’idini ry’Imana, kuko Imana igomba ntibabikire n’ahantu na hatoyi mw’Ijuru kandi hazoba kuribo ibihano bibabaza cane
  177. Mu vy’ukuri bamwe batoye inzira y’ubuhakanyi bw’Imana y’ukuri gusumba ubu Isilamu, abo bantu ntibazo shobora kugirira inabi iyariyo yose idini ry’Imana, ahubwo kuribo hazoba hariho ibihano bibabaza cane
  178. Kandi ntibiyumvire bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri yuko iki kiringo cose twabahaye arico ciza kuribo, mu vy’ukuri tubaha uwo mwanya w’ukwongereza ibicumuro muri ico kiringo kandi bikazoba kuribo ari ibihano bizoba tetereza
  179. Nti bibaho ku Mana guta aba Isilamu mubuzima barimwo kugeza aho izo tandukanya abantu babi gusumba abantu beza, kandi ntibibaho ku Mana kubamenyesha ibintu bitarabaho, ahubwo Imana itora mu ntumwa zayo uwo yishakiye, rero ni mwemere Imana yanyu y’ukuri hamwe n’intumwa zayo, kandi nimwemera bimwe biboneka n’ukuyitinya bizoba kuri mwebwe hari impembo niniya cane
  180. Kandi ntibarabe bamwe bigira ingumyi muvyo Imana yabahaye mumigisha yayo yuko ariyo myiza kuri bo, oya! Ivyo bintu bagira ni bibi kuribo, ahubwo bazobohwa n’ivyuma kumazosi yabo kuvyo bagize kubera ukuba kwabo kw’ingumyi kuri uwo musi w’imperuka, rero ibisigi vyo mw’Ijuru no kw’Isi ni vy’Imana, nayo niyo ifise inkuru zivyo mugira vyose
  181. Imana n’umukene n’ubwicanyi iramaze kwumva amajambo natwe n’abatunzi, tukaba bwabo bw’ukwica intumwa ya bamwe bavuga bati:- Imana tuvyanditse ibi vyose bavuze z’Imana atamvo n’imwe z’ukuri bafise, kandi tuzobabwira k’umusi w’imperuka duti:- nimuhonje ibihano bibaturira
  182. Ibi vyose n’ukubera ivyo amaboko yanyu yatanguje kugira, kandi n’Imana si umuhemu kubashumvyi biwe
  183. Bamwe bavuga bati:- Imana yara twemereye yuko tutemera intumwa y’Imana iyariyo yose kugeza aho izotuzanira itambikiro rizoribwa n’umuriro, vuga uti:- mwarashikiwe n’intumwa z’Imana imbere yanje zifise n’ivyemezo biri k’umugaragaro hamwe nibi vyose muriko muravuga, none ko mwaba gandaguye nimwaba mwari mu bantu bavugisha ukuri
  184. Niba guhakana wewe ntumwa y’Imana umenye yuko bahakanye intumwa nyinshi z’Imana imbere yawe, baje bafise ivyemezo biri k’umugaragaro hamwe n’ibitabu birimwo ubuhizi hamwe n’ibitabu birimwo umuco mwiza
  185. Umutima uwariwo wose uzohonja urupfu, kandi ntankeka muzoronswa impembo yanyu ikwiye k’umusi w’imperuka, nayo uwuzoba yashizwe kure y’umuriro udahera n’ukwinjizwa mw’Ijuru, uyo muntu azoba afise intsinzi nyakuri, n’ubuzima bwo ngaha kw’Isi ntakirimwo namba atari amahirwe ahenda abantu gusa
  186. Muzo ronka ingorane kumatungo yanyu hamwe no kumitima yanyu, kandi muzo kwumva ibintu biba shavuza vyinshi ku bantu bahawe igitabu imbere yanyu, hamwe na bamwe bafadikanije namwe, rero nimwigumya n’ukwirinda kuvyabujijwe n’Imana kubera yuko ibi bintu ni mubintu bininiya cane vyaho umuntu uwariwe wese yo kwitanga mukugira
  187. Ubibutse igihe Imana yapfundika amasezerano na bamwe bahawe igitabu c’Imana gitagatifu ibabwira iti:- ni ngombwa iki gitabu mugisigurire abantu kandi ntimukinyegeze, mugabo bagitaye inyuma y’imigongo yabo baca bitorera amatungo makeyi gusa, rero n’ububisha bumeze gute bw’uko gutora
  188. Ntiwikeke yuko bamwe banezerejwe n’ibintu bibi bagize bagakunda yuko bahayagizwa kuvyo batagize, ntiwipfuze yuko bazokizwa n’ibihano bizoba biri kuribo kandi bibabaza cane
  189. N’ubwami bw’Amajuru n’Isi nubw’Imana, n’Imana niyo nyene ububasha buri hejuru y’ibintu vyose
  190. Mukuremwa kw’Amajuru n’Isi, n’ikurikiranwa kw’Ijoro n’Umutaga, hariho ivyemezo ku bantu bafise ubwenge
  191. Abibuka Imana yabo y’ukuri nabo bahagaze canke bicaye canke baryamye n’ukwibuka iremwa ry’Amajuru hamwe n’Isi, bavuga bati:- Muremyi wacu ntiwabiremye ibi vyose ngo bibe ivy’impfagusa, ahubwo iteka nirwawe, rero n’udukingire n’ibihano vyo mu muriro udahera
  192. Muremyi wacu, bamwe uzokwinjiza mumuriro udahera ntakundi uzoba waba kengereye kandi ntihazoba abafasha kubera ubwo buhemu bw’imitima yabo
  193. Muremyi wacu, twebwe twumvise umuhamagazi ahamagara yuko twogendera ubu Isilamu n’ukwemera Umuremyi wanyu natwe turemera, Muremyi wacu n’utugirire ikigongwe kubicumuro vyacu nukuduha nagurira amakosa yacu, kandi tuze dusandabe turi kumwe n’abantu beranda
  194. Muremyi wacu, n’uduhe ivyo watwemereye bivuye kuntumwa zawe zose, kandi ntudutetereze kuri uwo musi w’imperuka, ntankeka kuri wewe ntuta indagano zawe
  195. Yarabemereye Umuremyi wabo, yuko mu vy’ukuri ntazotakaza ingoga z’uwugira ingoga muri mwebwe yaba umugabo canke umugore, mwebwe kuri mwebwe, rero abimutse canke abirukanywe mu bisagara vyabo n’ukubabazwa munzira yanje n’ukurwana bagatako n’ukwicwa bakicwa, mu vyukuri nzoba hanagurira amakosa yabo kandi nzobinjiza mumirima icamwo inzuzi imbere yabo, iyo niyo mpembo izoba ivuye ku Mana, nayo iwe niho hari impembo nziza
  196. Ntugahendwe n’ukugenda n’ukugaruka kwabo bahakanyi b’Imana yabo y’ukuri bari muri ivyo bisagara
  197. N’amahirwe makeyi cane hanyuma ubwicaro bw’abo bahakanyi b’Imana y’ukuri buzoba ari ubwo mumuriro udahera, naho n’ahantu habi cane hameze gute hukuruhukira mwo
  198. Mugabo abatinye Umuremyi wabo bimwe bivuye kumizirikanyi yabo bazoronswa imiririma icamwo inzuzi imbere yabo, bakazobayo mu buzima bwabo bwose, iryo niryo kaze ryabo rivuye ku Mana, n’ibiri kuriyo nivyo vyiza cane ku bantu beranda
  199. Mu bantu bahawe igitabu c’Imana gitagatifu, harimwo abemera Imana yabo bimwe vy’ukuri hamwe n’ivyamanuwe kuri mwebwe hamwe n’ivyamanuwe kuribo nuku gamburukira Imana, kandi ntibagurisha amajambo y’Imana matagatifu ku kiguzi gitoyi, abo nibo bafise impembo yabo ku Muremyi wabo, mu vy’ukuri Imana irahwahutse mu guharura
  200. Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, ni mwihangane, kandi mu batsinde abagereranya Imana y’ukuri n’ibindi bintu, kandi mube urunani rutamenwa, n’ugut inya Imana yanyu y’ukuri kugira ngo muronke intsinzi nyakuri