4.The Women

  1. Mwebwe bantu, nimutinye Umuremyi wanyu yabaremye mumutima umwe, n’ukurema muriwo umutambukanyi n’ugukwiza abagabo benshi hamwe n’abakenyezi bavuye muri abo bantu babiri, kandi mutinye Imana yanyu y’ukuri kuko ariyo musaba mwese kandi murabe n’urwaruka, mu vy’ukuri Imana niyo ibakingira kuri mwebwe
  2. Nimuhe impfuvyi amatungo yabo, kandi ntimuyakabishe n’ibindi bintu bibi kubintu vyiza, kandi ntimurye ayo matungo yabo hamwe n’amatungo yanyu, mu vy’ukuri ivyo vyose mushinzwe igikorwa kininiya cane
  3. Nimwatinya kutaba girira n’ibijanye n’ukuri kwizo mpfuvyi nimwubake izanyu nabo bakenyezi mwagomwe, baba babiri canke batatu canke bane gusa, mugabo nimwatinya yuko mudashoboye kuba abanya kuri ivyo vyose, rero ni mwubakane n’umwe gusa, canke muri bamwe mutunze bari mu maboko yanyu y’iburyo, nimwagira gutyo niko kuzotuma mutishima
  4. Nimubahe abo bakenyezi udushimwe twabo kuko ari utuganuke kuribo, nibabaha utwo tuganuke k’ugushaka kw’imitima yabo icarico cose nimukirye n’akanyamuneza ntangere n’akamaro keza kurivyo
  5. Ntimubahe abadafise ubwenge bukwiye amatungo yanyu ariyo Imana yabahaye kubera ubuzima bwanyu, rero nimubahe ibifungurwa vyabo bivuye muri ayo matungo kandi mubambike kandi mubabwire n’amajambo meza
  6. Izo mpfuvyi nimuzi gerageze kugeza aho zizoshikira kumwanya w’ukwubaka izabo, nimwabona yuko zakwjije ubwenge bukwiye nimuce muziha amatungo yabo, kandi ntimurye ayo matungo yabo n’ubwononyi bwagihuti huti ngo nibakura bazodusaba amatungo yabo natwe ngo reka tuyarye ningoga na ningoga, n’uwutunze niyirinde kwakira impembo nkuko ariko arabakorera, nihaba hariho uwukeneye n’arye kuburyo bw’amategeko amurekuriye kugira gutyo, nimwabaha ayo matungo yabo nimushinge ivyabona kubera Imana, kuko niyo ihagije kuba ariyo cabona
  7. Abagabo nibo bafise uruhara mumatungo yasizwe n’abavyeyi babo hamwe n’incuti zabo zibegereye, n’abakenyezi barafise uruhara rw’amatungo yabo yasizwe n’abavyeyi babo hamwe n’incuti zabo zibegereye, yaba ayo matungo ari makeyi canke menshi, uko niko vyategetswe n’Imana
  8. Mugihe c’ukugabura ayo matungo harimwo incuti n’impfuvyi n’aboro, nimubahe icarico cose muri ayo matungo kandi mubabwire n’imvugo nziza
  9. Kandi batinye yuko nabo iyo basiga inyuma yabo ibibondo batishoboye bari kugira ubwoba kuribo, rero nibatinye Imana yabo y’ukuri kandi bavuge amajambo meza ahumuriza
  10. Mu vy’ukuri bamwe barya amatungo y’impfuvyi bahemukiye imitima yabo, ntankeka barya umuriro uri munda zabo, kandi bazo herengetera muri wo
  11. Imana irabatuza kubijanye n’ibibondo vyanyu, umugabo aronke ibingana n’incuro zibiri z’abagore babiri, niba abo bagore ari benshi barenga babiri nibaronswe ivya gatatu bibiri muvyasizwe na nyakwigendera, mugabo nihaba hari umukobwa umwe wenyene gusa naronswe igice civyo bisigi, n’abavyeyi biwe babiri umwe wese muribo ahabwe ica gatandatu civyo bisigi niyaba yasize ikibondo, niyaba ata kibondo afise n’abavyeyi biwe uko ari babiri bakaba aribo bene ibisigi vyico kibondo, rero nyina wico kibondo azoronswa ica gatatu kimwe, niyaba afise bene wabo rero nyina wiwe azoronswa ica gatandatu, nuku gutorana kw’ibisigi kuba inyuma y’ugukura muvyo nyakwigendera yasize araze canke mukuriha ideni ryiwe, abavyeyi banyu n’ibibondo vyanyu kuri mwebwe ntawuzi uwariwe muribo ari hafi cane mukuba fasha, iri rero n’itegeko ryavuye ku Mana kandi ntankeka Imana niyo ifise ubumenyi n’ubuhizi buhagije
  12. Namwe muzoronswa igice c’amatungo yasizwe n’abakenyezi banyu mugihe batazoba bafise ikibondo, niba bafise ikibondo mwebwe muzoronka ica kane civyo basize, bamaze gukura mwo ivyo mwamaze kuraga canke mumaze kuriha amadeni, nabo bazoronka ica kane civyo mwasize niba ata kibondo mufise ni mwaba mufise ikibondo rero bazoronka ic’umunani civyo mwasize mumaze gukura mwo muvyo mwamaze kuraga canke kuriha amadeni, niyaba umugabo canke umugore asigirwa ibisigi adafise ikibondo canke abavyeyi, mugabo akaba afise musaza wiwe canke mushiki wiwe, rero umwe wese muribo azoronka ica gatandatu, babaye benshi naho bazo sabikana kuca gatatu hamaze gukurwamwo ivyarazwe canke kuriha amadeni hatarinze kuba indyane murivyo, iryo niryo ragi ryavuye ku Mana nayo niyo ifise ubumenyi n’ukuba intungane ikwiye
  13. Izo nizo mbibe z’Imana zategekanijwe, n’uwu gamburukira Imana hamwe n’intumwa yayo, Imana izo mwinjiza mumirima icamwo inzuzi imbere yiwe hanyuma baze babeyo mubuzima bwibo bwose, iyo rero niyo ntsinzi niniya
  14. Uwutazo gamburukira Imana hamwe n’intumwa yiwe n’ukurenga imbibe zagenywe, Imana izo mwinjiza mumuriro udahera, muriwo azowubamwo mubuzima bwiwe bwose, kandi azoronka ibihano bizo mutetereza
  15. Naba bakenyezi bagira ibintu vy’umwanda muri babakenyezi banyu, ni mubashengeze kuvyabona bine muri mwebwe, rero niba babona ivyo vyabona nimuce mubazitirira mumazu yanyu kugeza aho bazoshikirwa n’urupfu canke Imana yonyene ibagirire iyindi nzira
  16. Naba bagabo babiri bagira ibintu vy’umwanda muri mwebwe ni mubahane bose uko ari babiri nibasaba ikigongwe bagatumbera inzira nziza, mubareke, mu vy’ukuri Imana niyo yakira ikigongwe kandi niyo nyene impuhwe zihagije
  17. Ikigongwe cakirwa n’Imana kiba kiri kuri barya bagira amabi k’ubujuju bwabo, hanyuma bagaca basaba ikigongwe ningoga na ningoga abo nibo Imana yakira ikigongwe cabo, nayo niyo ifise ubumenyi buhagije kandi niyo nyene impuhwe zihagije
  18. Ntakigongwe bafise kuri barya bantu bagira amabi kugeza naho umwe muribo ashikirwa n’urupfu agaca avuga ati :- mu vy’ukuri ubu rero jewe ndasavye imbabazi, kandi simuri barya bashikirwa n’urupfu nabo ari abahakanyi b’Imana, abo nibo twateguriye ibihano bibabaza cane
  19. Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, ntimurekuriwe n’amategeko y’ugutorana mubisigi vy’abakenyezi banyu kugitsure, kandi ntimubabuze kugira ngo mubake bimwe mwabahaye, dukuye mwo izindi mpamvu boba baragize ziri kumugaragaro, rero ni mubane nabo n’amahoro nimwabanka naho nkumbure mukaba mwanse ikintu Imana yashize mwo imigisha myiza kandi myinshi muriyo
  20. Nimwashaka guhindura umukenyezi k’uwundi mukenyezi mugihe umwe muribo mwamuhaye umuzibukiro wiwe, rero ntimutware icarico cose kuriwe, mbega mwakira ivyo bintu k’ubuhemu nokw’ikosa riri k’umugaragaro
  21. Mbega muzo kwakira gute ivyabo mugihe muri mwebwe kuri mwebwe mwarahujije ibitsina, nabo bakaba barakiye kuri mwebwe indagano zikwiye
  22. Kandi ntimwubakane n’abakenyezi bubakanye naba So banyu atari muvy’akahise, ntankeka ibintu nk’ibi ni bibi cane kandi bishavuza, kandi n’inzira mbi cane
  23. Mwarabujijwe kwubakana naba nyokwanyu hamwe n’abana banyu canke bashiki banyu hamwe naba inasenge banyu, hamwe na bashiki banyoko banyu, hamwe n’abana babene wanyu, hamwe n’abana babashiki banyu, hamwe n’abavyeyi banyu babonkeje, hamwe n’abashiki banyu mwonse ibere rimwe, hamwe n’abanyina b’abakenyezi banyu hamwe n’abana banyu b’abazanano bagitegekwa namwe, bavyawe n’abagore banyu mwahujije nabo ibitsina, mugabo mugihe mutarahuza nabo ibitsina sibibi kuri mwebwe kwubakana nabo, kandi birabujijwe kwubakana n’abagore b’abana banyu bavuye mumigongo yanyu, kandi murabujijwe kw’ubaka izanyu n’abashiki babiri mugihe kimwe atari muri ca gihe c’akahise, mu vy’ukuri Imana niyo nyene impuhwe n’ikigongwe gihagije kuri vyose
  24. N’abakenyezi bafise abagabo babo barabujijwe, dukuyemwo bamwe bari muminwe yanyu y’iburyo, iryo niryo tegeko ry’Imana kuri mwebwe, kandi muremerewe kwubaka izanyu n’abagore batari abo, rero nimubarondere kumatungo yanyu mukwubakana nabo mutarinze gushura shurana nabo, rero barya mwubakana nabo muribo ni mubahe udushimwe twabo twategekanijwe kuribo, kandi si bibi kuri mwebwe mutanze kuvyo mwemeranije aho gutanga ivyategekanijwe, mu vy’ukuri Imana niyo ifise ubumenyi n’ubuhizi buhagije
  25. N’uwudashoboye muri mwebwe kuronka ako gashimwe k’ukwubaka n’abakenyezi b’intungane baba Isilamu kazi, niyubakane n’umushumvyi kazi wumu Isilamu kazi ari muminwe yanyu y’iburyo, n’Imana niyo ifise ubumenyi buhanitse bw’ukwemera kwanyu kuri mwebwe na mwebwe, rero ni mwubake izanyu nabo kw’itegeko rya basobuja babo, kandi mubahe udushimwe twabo mukurikije amategeko y’Imana, kandi babe ari abakenyezi b’intungane batari muba shurashuzi n’umuntu uwariwe wese, kandi atari aba shurashuzi kubagabo kanaka, rero mugihe bamaze kwubaka izabo hanyuma bakagira ayandi marorerwa bizoca biba kuribo kuronswa igice c’ibihano cagenewe abakenyezi b’intungane, ivyo vyose ni kuri mwebwe mutinya bwa bushurashuzi, rero nimwa tenyenya nivyo vyiza kuri mwebwe n’Imana niyo ifise ikigongwe cinshi n’impuhwe zihagije
  26. Imana igomba ibamenyeshe n’ukuba rongora kubijanye n’ingendo zabamye ho imbere yanyu nukuba menyesha, n’Imana niyo ifise ubumenyi n’ubuhizi buhagije
  27. N’Imana igomba kuba gabaniriza mugabo abakurikiza ivyo imitima yabo igomba, bashaka yuko bohengama kw’ihengamiro rininiya cane
  28. Imana igomba ibagabanirize kuko umuntu yaremwe ari ikiremwa gihoya hoya
  29. Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, ntimuryanire kumatungo yanyu munzira itari iy’ukuri dukuyemwo ibidandazwa mwumvikanyeko hagati yanyu, kandi ntimwiyahure kuko mu vy’ukuri Imana niyo ibafitiye impuhwe zihagije
  30. Nayo uwuzogira ibi vyose akoresheje ubwansi hamwe n’ubuhemu bw’umutima wiwe, uyo muntu aho ari tuzo mwinjiza mumuriro udahera, nivyo n’ivyoroshe biri ku Mana
  31. Nimwaba kure n’ibicumuro bininiya mutuzwa, tuzoba hanagurira ibicumuro vyanyu bito bito hanyuma tubinjize ahantu h’iteka ntangere ari naho mw’ijiru
  32. Kandi ntimwipfuze ivyo Imana yahayeko imigisha gusumba abandi, kuko abagabo barafise uruhara rukwiye kuvyo baronse, n’abakenyezi barafise uruhara rukwiye, kuvyo baronse, rero nimusabe Imana kumigisha yayo mu vy’ukuri Imana niyo nyene ubumenyi bw’ibintu vyose
  33. Umuntu uwariwe wese twaramushiriyeho incuti zizosigarana ibisigi muvyo basize abavyeyi babiri hamwe n’incuti, hamwe nabo bagiriraniye amasezerano mubahe ivyarivyo vyose muri ivyo bisigi, mu vy’ukuri Imana niyo cabona c’ibintu vyose
  34. Abagabo nibabe abareretsi kubakenyezi babo kubera yuko Imana yabashizeko iteka ntangere gusumba abandi, n’ukubera amatungo yabo batanga, rero abakenyezi b’intungane nibarya batekereje kandi bikingira mugihe abagabo babo batariho, kuko Imana yabategetse kwikingira n’abakenyezi babona yuko ukwidohora kwabo kuri mwebwe bagabo, ni mubatuze n’ukwahukana nabo bagume ari bonyene mubusaswa bwabo kandi muteko mubakubite nibaba gamburukira, ntimuba ronderere iyindi nzira mu vy’ukuri Imana niyo iri hejuru kandi niyo nkuru
  35. Nimwamenya yuko hari amatati hagati y’umugabo n’umunega wiwe, ni mwihutire kujana umubangurukanyi, umwe mumuryango w’umugabo, hamwe no mumuryango w’umunega, nibanka uko kwumvikana Imana izoba shoboza kuronka umuti w’ingorane zabo, mu vy’ukuri Imana niyo ifise ubumenyi, nyene ubumenyi bw’inkuru z’amabanga yinyegeje hamwe n’inkuru ziri k’umugaragaro
  36. Nimusenge Imana yanyu y’ukuri kandi ntimuyigereranye n’ibindi bintu, kandi mubagirire ineza abavyeyi banyu uko ari babiri, hamwe n’abagenzi n’impfuvyi hamwe n’aboro hamwe n’ababanyi bari hafi yanyu hamwe n’ababanyi bakure yanyu hamwe n’abagenzi bari mumbavu zanyu, hamwe n’uwuri murugendo rwononekaye, hamwe nabo mwitungiye bari mumaboko yanyu y’iburyo, ntankeka Imana ntikunda abantu bishima n’ukwibona
  37. Abigira kuba ari ingumyi n’ugutegeka abantu ngo babe ingumyi, n’ukunyegeza ivyo Imana yabahaye k’umigisha yayo, tukaba twaraba teguriye abahakanyi b’Imana ibihano bitetereza cane
  38. N’abatanga amatungo yabo mukwereka abantu nabo batemera Imana y’ukuri canke umusi w’imperuka, n’uwumaze kuba ari shetani nukuba ariwe mugenzi wayo, n’ukuvuga yuko afise umugenzi mubi cane
  39. None hobaye iki kuribo iyo bemera Imana y’ukuri n’umusi w’imperuka, n’ugutanga muvyo bahawe n’Imana, nayo niyo ibazi neza
  40. Mu vy’ukuri Imana ntihemukira kukintu kingana n’uburemere bw’akanyegeri, ni ryaba ari ijambo ryiza iraryongereza ko n’ugutanga impembo niniya ivuye kuriyo
  41. None bizoba gute mugihe tuzozana icabona kivuye mu bantu bose hanyuma tugaca tukuzana wewe ubabere icabona kuri aba bantu bawe
  42. Kuri uwo musi, bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri nukwiyonkora kuntumwa y’Imana, bazo kwipfuza yuko Isi yoringanirizwa hejuru yabo, kandi ntibazo shobora kunyegeza ku Mana ikiganiro icarico cose
  43. Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, ntimwegere amasengesho yanyu namwe muborewe kugeza aho mutahura ivyo muvuga, canke nimwaba mufise umwanda mpuza bitsina, kiretse uwuri murugendo kugeza aho mwisukura, ni mwakikwa naho n’amagara canke muri murugendo canke umwe muri mwebwe avuye kwa s’urwumwe canke mwakoranye n’abakenyezi hanyuma ntimuronke amazi y’ukwisukura ni mukoreshe ivu ryiza murisige ku maso yanyu no kumaboko yanyu, mu vy’ukuri Imana niyo nyene impuhwe nukugira ikigongwe, kandi niyo nyene guhanagura ibicumuro vy’abantu
  44. Mbega ntubabona bamwe bahawe igice c’igitabu bagaca bitorera ubuzimire kandi bakabasabira yuko namwe mwozimira munzira y’amahoro
  45. N’Imana irabazi neza abo bansi banyu kandi irahagije kuba ariyo ibakingira kandi ikaba ihagije kuba ariyo umufasha wanyu
  46. Mu bayahudi harimwo abahindura amajambo y’Imana bayakura aho ari bakavuga muribo bati:- turumvise kandi turiyonkoye, kandi wumve utumvirijwe, nayo ukuvuga ijambo Raaina mu kunyuruza indimi zabo kugira ngo batyoze idini, niyo bovuze bati:- turumvise kandi turagamburutse kandi wumve kandi uturabe, vyari kuba vyiza cane, mugabo Imana yarabavumye kubera ubuhakanyi bwabo, rero ntibemera atari gatoyi gusa
  47. Mwebwe, mwahawe igitabu c’Imana, nimwemere kuvyo twamanuye vyemeza ivyo mufise mwebwe imbere yuko duhindura amaso yanyu tukayashira kubikanu vyanyu, canke imbere yuko tubavuma nkuko twavumye abantu bok’umusi wa gatandatu n’itegeko ry’Imana ni ngombwa rikurikizwe
  48. Mu vy’ukuri Imana ntigira ikigongwe kuba yigereranya n’ibindi bintu, kandi igirira ikigongwe kubitari ibi kuwo yishakiye, nayo uwugereranya Imana n’ibindi bintu ntankeka uyo muntu azoba yateguye ibicumuro bininiya cane
  49. Ntubabona bamwe bisukura kumitima yabo, ahubwo Imana niyo isukura uwo yishakiye kandi ntibazo hemukirwa nokukintu na kimwe naho coba kingana n’urunyuzi ruri mucamwa c’umutende
  50. Nurabe igene barementanya ububeshi hejuru y’Imana, ibi vyose birahagije yuko ari ibicumuro biri k’umugaragaro
  51. Ntubabona bamwe bahawe igice c’igitabu c’Imana, mugabo bakemera amasanamu hamwe n’ubuzimire kandi bakavuga hejuru yabamwe bahakanye Imana y’ukuri yuko aribo barokotse gusumba abari munzira y’abemeye Imana yabo y’ukuri
  52. Abo nibo bantu bavumwe n’Imana, rero uwavumwe n’Imana, ntazoba afise umufasha
  53. Canke barafise ikindi gice c’ubwami, aho rero ntibari kubaha abantu naho yoba ari intoboro y’icamwa c’umutende
  54. Canke abantu boba babagiriye inzigo kuvyo Imana yabahaye kubugira neza bwayo, dutako duha ibibondo vy’intumwa y’Imana Ibrahimu (III) igitabu hamwe n’ubuhizi n’ubwami buniniya cane
  55. Rero hari muribo abemeye ibi vyose n’abandi muribo bishize kure yibi vyose, rero umuriro wa Jahannamu urakwiye kuba ari umuriro ukaze cane w’ukubaturira
  56. Mu vy’ukuri bamwe bahakana amajambo yacu matagatifu tuzo binjiza mumuriro udahera, uko inkoba z’imibiri yabo zizosha, tuzoba hindurira izindi nkoba zitari izahahora kugira ngo bagume bahonja ivyo bihano, mu vy’ukuri Imana niyo nyene ubushobozi n’ubuhizi buhagije
  57. Na bamwe bemeye Imana yabo y’ukuri nukugira ibikorwa vyiza tuzobinjiza mumirima icamwo inzuzi imbere yabo nukuba muri iyo mirima mubuzima bwabo bwose, muriyo bazoba bafise abakenyezi bisukuye n’umwanda uwariwo wose, hanyuma tubinjize mubitutu vyiza cane
  58. Mu vy’ukuri Imana ibategeka gusubiza ivyo mwahawe kuziganya kwa benevyo no mugihe muciye urubanza ruri hagati y’abantu mubacire urubanza rw’ukuri, ntankeka ubutumwa Imana ibashikiriza nibwiza cane, mu vy’ukuri Imana niyo yumva kandi niyo ibona
  59. Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, nimu gamburukire Imana, kandi mu gamburukire intumwa y’Imana, hamwe n’abari k’ubutegetsi buri hejuru yanyu bo muri mwebwe nyene, ni mutumvikana kw’ijambo iryariryo ryose nimuce murisubiza ku Mana nokuntumwa y’Imana, ni mwaba mwemera Imana hamwe n’umusi w’imperuka, ayo niyo mahoro kandi afise ingaruka nziza cane
  60. Ntubabona abavuga yuko bemeye ivyamanuwe iwawe hamwe ni vyamanuwe imbere yawe, kandi bagomba yuko bocirirwa urubanza munzira itemewe n’amategeko mugihe bategetswe kutemera iyo nzira na Shetani ishaka kubazimiza k’ubuzimire buri kure cane
  61. Mugihe babwiwe bati:- ni muze muri vyabintu vyamanuwe n’Imana no kuntumwa y’Imana uza ubona b’ababeshi bose baja kure yawe cane
  62. None bizogenda gute mugihe bazoshikirwa n’ivyago kubera ivyo bamaze gutanguza n’amaboko yabo hanyuma bakagaruka barahira bati:- kw’izina ry’Imana twebwe ntitwabishaka atari kuneza n’amasezerano gusa
  63. Abo nibarya Imana ifise ubumenyi bw’ibiri mumishaha yabo, rero nubareke babe kure ubashikirize ubutumwa, ubabwire n’amajambo abashika kunyota azobinjira mumitima yabo
  64. Ntitwarungitse intumwa y’Imana iyariyo yose, nuko yogamburukirwa kw’itegeko ry’Imana, niyo boje bazi yuko bahemukiye imitima yabo bagasaba ikigongwe ku Mana hamwe n’intumwa y’Imana, hanyuma akabasabira ikigongwe, ntankeka bari gusanga Imana ariyo yakira ikigongwe kandi ariyo nyene impuhwe zihagije
  65. Ndarahiye ku Muremyi wawe yuko batazo kwemera bimwe vy’ukuri kugeza aho bazo kugira ngo ubabere umuca manza wabo kuvyo batumvikana ko, hanyuma ntibagire uburemere kumitima yabo kubera ingingo wafashe, kandi bace bagamburuke bimwe vy’ukuri
  66. Iyo tubategeka ngo biyahure canke ngo basohoke bave mumazu yanyu, rero iyo batagira gutyo mugabo bake muribo niyo bogize ivyo babwiwe vyari kuba vyiza kuribo, kandi vyari kuba ivyemezo vyiza gusumba
  67. Twari kubaha impembo niniya ivuye iwacu
  68. Kandi twari kubayobora munzira igororotse
  69. N’abagamburukira Imana hamwe n’intumwa yayo, rero abo bantu bazoba bari kumwe nabamwe Imana yahezagiye hamwe n’intumwa z’Imana hamwe n’abemeye Imana yabo y’ukuri, hamwe n’ivyabona hamwe n’abagira ineza, mbega n’ubwiza bumeze gute kuri abo bantu kuba ari abagenzi
  70. Iyo niyo ngabirano ivuye ku Mana yabo, nayo niyo nyene ubumenyi bukwiye
  71. Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri nimugabe, kandi musohoke muri mumirwi n’iyindi canke musohokere hamwe
  72. Harimwo muri mwebwe abicara inyuma y’abandi, mugabo bahuye n’ivyago baca bavuga bati:- Imana yampezagiye nkuko vyabaye kuko ntari kumwe nabo
  73. Nimwashikirwa n’imigisha ivuye ku Mana baca bavuga bati:- nka kumwe hatari ubugenzi hagati yanyu no hagati yiwe n’ukuvuga bati:- iyomba hamwe nabo nkaronka intsinzi niniya
  74. Rero nibarwanire munzira y’Imana bamwe bitanga mukugurisha ubuzima bwabo bwo ngaha kw’Isi k’ubuzima bwo mw’Ijuru, nayo uwurwanira munzira y’Imana hanyuma agaca yitaba Umuremyi wiwe canke akaronka intsinzi nyakuri, tuzomuha impembo niniya cane
  75. Mufise iki ko mutarwanira munzira y’Imana na bamwe batishoboye mubagabo hamwe n’abagore hamwe n’ibibondo bavuga bati:- Muremyi wacu, dukure muri iki gisagara abantu baho ari aba hemukiye imitima yabo, kandi uduhezagire kugira ngo tube dufise uwudukingira avuye kuri wewe, kandi uduhezagire tube n’uwuturokora avuye iwawe
  76. Abemeye Imana yabo y’ukuri barwanira munzira y’Imana, mugabo abatemera Imana y’ukuri barwanira munzira ya Shetani, rero ni murwane nabo bagenzi ba Shetani, mu vy’ukuri inyifato ya Shetani ntabushobozi ifise
  77. Ntubona bamwe babwirwa bati:- ni mukingire amaboko yanyu muhagarike amasengesho yanyu, kandi mutange imperezwa zanyu gusa, mugihe bategetswe kurwana n’umurwi umwe muribo waratinye abantu nk’ugutinya Imana canke kugira ubwoba gusumba, baca bavuga bati:- Muremyi wacu, ni kuki wadutegetse kurwana? Iyo udutevya kugeza kukiringo kigufiya gutya, nawe nuvuge uti:- amahirwe yo kw’Isi ni makeyi cane, ariko amahirwe yo mw’Ijuru niyo meza gusumba kubantu batinya Imana yabo y’ukuri, kandi ntimuzo hemukirwa naho koba ari akanyuzi kari hagati y’umwanya w’igishishwa c’icamwa c’umutende
  78. Aho muri hose urupfu ruzoba shikira, naho mwoba muruzitiro rukomeye gute, nirwashikira abagira ineza baca bavuga bati:- ibi vyose bivuye ku Mana, nayo bashikiwe n’amabi baca bavuga bati:- aya mabi yatewe na wewe, vuga uti:- vyose vyavuye ku Mana, none babaye gute aba bantu? Ntibashobora gutegera aya majambo
  79. Ineza yagushikiye yavuye ku Mana, n’amabi yagushikiye yavuye kumutima wawe, natwe twagutumye kubantu kugira ngo ube intumwa y’Imana, n’Imana niyo cabona gihagije
  80. Uwu gamburukiye intumwa y’Imana aba agamburukiye Imana, nayo uwuhakanye twebwe ntitwakurungitse wewe ngo ubabere uwuba kingira hejuru yabo
  81. Nabo bavuga bati:- turagamburutse, mugabo bavuye aho iwawe, umurwi umwe muribo uca wumvikana mw’ijoro kubitari ivyo bumvikanye ko, n’Imana yandika ivyo bumvikanye ko, rero n’ubarekere kure wizere Imana yawe, nayo niyo ikingira bimwe bihagije
  82. Ko badategera aya majambo y’Imana matagatifu ya Qur’ani, iyo atoba avuye k’uwutari Imana, ntankeka bari gusanga muriyo ibihushane vyinshi cane
  83. Mugihe bashikiwe n’ijambo iryariryo ryose rijanye n’amahoro canke riteye ubwoba baca bariserura, mugabo iyo babishikiriza intumwa y’Imana canke abafise ubutegetsi buri hejuru yabo na bamwe bagenzura muribo bari kubimenya, rero iyo itaba imigisha y’Imana kuri mwebwe n’impuhwe zayo mu vy’ukuri mwari gukurikira Shetani dukuye mwo abantu bakeyi gusa muri mwebwe
  84. Rero nurwane munzira y’Imana, kandi ntutegetswe icarico cose atari umutima wawe gusa, kandi uhimirize aba Isilamu bose, nkumbure Imana yokingira ibitero vy’abatemera Imana yabo y’ukuri, n’Imana niyo ikaze cane kubitero vyayo, kandi niyo ikaze cane muguhana ibiremwa vyayo
  85. Uwuzo sabira ibisabisho vyiza azoronka bimwe muri ivyo, nayo uwuzo sabira ibisabisho bibi azoba afise bimwe muri ayo mabi, n’Imana niyo nyene ubumenyi buri hejuru y’ibintu vyose
  86. Muramukijwe n’indamutso iyariyo yose ni muyitabire neza gusumba canke musubize iyo ndamutso nyene, mu vy’ukuri Imana igira ibiharuro kubintu vyose
  87. Imana, ntayindi itegerezwa gusengwa atariyo yonyene gusa, mu vy’ukuri izoba koranya k’umusi w’imperuka kandi ntankeka kuri ivyo vyose, none ni nde munyakuri gusumba amajambo asumba Imana
  88. Vyabaye gute kuba muri imirwi ibiri kunkuru y’ababeshi, mugihe Imana yabahinduye kubera ivyo bagize, mbega mugomba kubona uwarokotse Imana yaciriye urubanza yuko yazimiye? N’uwo Imana yaciriye urubanza yuko yamaze kuzimira wewe ntuzo shobora kumuronkera inzira
  89. Bagomba yuko nkiyo mwohakanye nkuko bobahakanye kugira ngo mungane, rero ntimubagire abagenzi banyu kugeza aho bimuka kubera idini ry’Imana, nibanka naho nimubafate mubice aho muzo bafatira hose, kandi ntimugiriranire ubucuti nabo muribo canke imfashanyo iyariyo yose
  90. Dukuye mwo abumvikana n’abantu mufitaniye amasezerano ari hagati yanyu nabo, canke abaza iwanyu n’ibikiriza vyabo vyasinzikajwe n’ukurwana namwe, canke kurwana n’abantu babo, niyo Imana ibishaka yari gushiramwo ubushobozi mumitima yabo buri hejuru yanyu mugaca mutana mumitwe nabo bagaca babazanira amahoro, rero Imana ntiyabagiriye inzira hejuru yabo
  91. Muzoba sanga abandi bipfuza kuronka amahoro kuri mwebwe n’ukuronka amahoro kubantu babo, rero uko basubijwe mundyane baca batabwa muri izo ndyane zabo bubitse inda zabo, rero nibata vavanura namwe canke kubazanira amahoro canke kuzitira amaboko yabo, rero nimubafate mubice aho muzobasanga, abo rero nibo tubahaye hejuru yabo nivyo bimenyetso biri k’umugaragaro
  92. Ntibibaho kumu Isilamu kwica umu Isilamu mugenzi wiwe kubigira mpaka bitabaye kukwihenda, n’uwishe umu Isilamu kukwihenda nahe mubo atunze muba Isilamu hanyuma ace atanga indishi yuguha abasigi buwo nyakwigendera, dukuyemwo abiyankiye kubwabo bakagira nkuko ari imperezwa yabo kuribo, niyaba ari umugenzi w’abansi banyu nawe ari umu Isilamu, namuhe uwo atunze wumu Isilamu niyaba ari umwe mubantu bafitaniye amasezerano hagati yanyu hamwe nabo, rero aberwa nivyo bisigi nibahabwe agashiruka bute kandi bateko bahabwe mubo batunze wumu Isilamu, nayo uwutazoronka ivyo vyose niyisonzeshe amezi abiri akurikirana, uku niko kwirega kwavuye ku Mana, n’Imana niyo ifise ubumenyi n’ubuhizi buhagije
  93. N’uwishe umu Isilamu kubigira mpaka amenye yuko impembo yiwe ariyo mumuriro udahera witiriwe Jahannamu aho niho azobayo mubuzima bwiwe bwose, n’Imana yaramushavuriye nukumuvuma hamwe nukumutegurira ibihano bininiya cane
  94. Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, nimwagira urugendo ruri munzira y’Imana, rero ntimugire ikintu icarico cose mutabanje kucemeza, kandi ntimubwire uwubaramukije yuko atari umu Isilamu, mbega mugomba inyungu y’iyi Si, mugihe ku Mana hari inyungu nyinshi cane, ahubwo niko mwamye kuva kera n’Imana ica ibagirira imbabazi mukumenya ubu Isilamu bwanyu, rero ni murabe neza bimwe vy’ukuri Imana irafise inkuru yivyo mugira vyose
  95. Ntibashobora kungana aba Isilamu bicaye batagenda mungwano atari abafise impamvu zumvikana, kandi ntibangana n’abarwanyi barwanira munzira y’Imana bakoresheje amatungo yabo n’imitima yabo, Imana yarabahaye iteka ryabo bamwe barwanira munzira y’Imana bakoresheje amatungo yabo hamwe n’imitima yabo gusumba abicaye batagenda mungwano, naho Imana yabemereye bose kuronka ineza, mugabo Imana yarahaye iteka abarwanyi gusumba abicaye kumpembo niniya
  96. Bazoronka ubutegetsi buhanitse buvuye ku Mana hamwe n’ikigongwe n’impuhwe zayo, n’Imana niyo ifise ikigongwe na nyene impuhwe zihagije
  97. Bamwe bishwe n’Abamarayika mugihe bahemukiye imitima yabo, bazobwirwa bati:- mbega mwari mumerewe gute? Nabo bazobishura bati:- ntabushobozi twari dufise kuri iyi Si, nabo bazovuga bati:- none Isi y’Imana ntiyari yagutse kugira ngo mwimukire muriyo, rero abo ubwicaro bwabo nubwo mumuriro udahera, nayo n’ingaruka mbi cane
  98. Dukuyemwo muri bamwe batishoboye bimwe vy’ukuri bari mubagabo no mubagore hamwe no mubibondo ata bushobozi bafise, kandi batishoboye gutumbera inzira
  99. Abo rero nkumbure Imana yobagirira ikigongwe, kuko niyo nyene imbabazi n’ikigongwe cinsi gihagije
  100. Nuwuzo kwimuka kubera idini ry’Imana azoronka ahantu henshi kuri iy’Isi, kandi azo kwirukira aho azoronkera ahandi hantu hagutse, azohungira kuko iy’Isi y’Imana iragutse cane n’uwuzo sohoka avuye munzu yiwe kugira ngo yimuke kubera Imana yiwe hamwe n’intumwa yiwe, hanyuma agashikirwa n’urupfu, rero iremejwe impembo yiwe ku Mana, nayo niyo nyene imbabazi n’impuhwe zihagije
  101. Nimwagira urugendo kuri iy’Isi, ntibizoba bibi kuri mwebwe mugabanije amasengesho yanyu, mugihe mutinya yuko bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri bazobatera ingorane, ntankeka abahakanyi b’Imana y’ukuri n’abansi banyu bimwe bigaragara
  102. Mugihe uri kumwe nabo uba sengesha, rero umurwi umwe muribo nuce uhagarara na wewe, kandi bafate ibirwanisho vyabo, nibaheza kwunamika imitwe yabo hasi, nibace baja inyuma yanyu, hanyuma hace haza uwundi murwi utasenze, hanyuma uce usenga na wewe, nabo bahamerere magabo n’ibirwanisho vyabo, kuko bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri bipfuza yuko mwosamara n’ibirwanisho vyanyu n’ibintu vyanyu bagaca babahwikira kw’ihwikiro rimwe gusa, kandi sibibi kuri mwebwe mubonye mubabajwe kubera imvura canke musinzikajwe n’amagara gukura ibirwanisho vyanyu kandi mugabe mu vy’ukuri Imana yateguriye abahakanyi bayo ibihano bizoba tetereza
  103. Nimwaheza gusenga ni mwibuke Imana mugihe muhagaze, canke mwicaye, canke muryamiye urubavu, nimwaronka amahoro nimuce muhagarika amasengesho, mu vy’ukuri amasengesho kuba Isilamu ningombwa kuko yagenewe imyanya nyayo
  104. Kandi ntimudebukirwe mugukurikira abantu, muronse umubabaro nabo bazoba baronse uwo mubabaro nkuko namwe muzoba mubabaye, namwe mwizera ku Mana ivyo batizeye, n’Imana niyo nyene ubumenyi n’ubuhizi buhagije
  105. Mu vy’ukuri twarakumanuriye iki gitabu ca Qur’ani gitagatifu mugihe kibangikanije n’ukuri kugira ngo ubacire urubanza ruri hagati y’abantu nkuko Imana yabikumenyesheje, kandi ntube mubashigikira bamwe badashima
  106. Kandi musabe Imana imbabazi, ntankeka niyo nyene imbabazi nyinshi na nyene impuhwe nyinshi zihagije
  107. Kandi ntushigikire bamwe badashimira imitima yabo, mu vy’ukuri Imana ntimukunda uwudashima, ariwe nyene ibicumuro
  108. Abantu baragira isoni mugabo ntibasonera Imana, kandi nayo yari kumwe nabo, mugihe bumvikana kuri zamvugo Imana idakunda, nayo niyo nyene ubumenyi bukwiye neza bwivyo bagira vyose
  109. Nimurabe mwebwe mwabashigikiye mubuzima bwo ngaha kw’Isi, mugabo ni nde azoharira n’Imana kumusi w’imperuka kubera abo bantu, canke ni nde azobakingira kuribo
  110. Nuwugira amabi canke agahemukira umutima wiwe hanyuma agasaba ikigongwe ku Mana, azoyisanga ariyo nyene kugirira imbabazi n’impuhwe zihagije
  111. Nuwugira igicumuro akigirira umutima wiwe, n’Imana niyo nyene ubumenyi n’ubuhizi buhagije
  112. Nuwugira ikosa ritoyi canke igicumuro kininiya hanyuma akabeshera uwudafise ikosa, mu vy’ukuri azoba yikoreye ubuhemu buniniya n’ibicumuro biri kumugaragaro
  113. Iyo hataba hejuru yawe imigisha y’Imana hamwe n’impuhwe zayo, ntankeka umurwi umwe muribo wari kwipfuza kugutakaza kandi nabo ntibari gutakaza atari imitima yabo gusa, kandi ntibazo shobora kukugirira inabi iyariyo yose, n’Imana niyo yakumanuriye igitabu gitagatifu hamwe n’ubuhizi n’ukukwereka ivyo utari uzi, n’imigisha y’Imana iri hejuru yawe nimininiya cane
  114. Ntamahoro arimwo muri vyinshi bumvikanyeko mu mabanga yabo atari bamwe bategeka abandi gutanga imperezwa canke kugira ineza canke guhuza hagati y’abantu, rero uwuzogira gutyo arondera impuhwe z’Imana uyo muntu tuzomuha impembo niniya cane
  115. Uwuzohakana intumwa y’Imana munyuma yaho yamaze kumu bonekera n’uburongozi hanyuma agakurikira inzira itari iyaba Isilamu, twebwe tuzomuhindura iyo azoba yahindukiriye kubwiwe, hanyuma duce tumwinjiza mu muriro udahera witiriwe Jahannamu naho n’ahantu habi cane haho umuntu atosubizwa mwo
  116. Mu vy’ukuri Imana ntigirira ikigongwe c’ukugereranywa n’ikintu kanaka, mugabo niyo igirira ikigongwe kubitari ivyo kuwo yishakiye, rero uwugereranya Imana n’ibindi bintu, ntankeka uyo muntu azoba yarazimiye mukuzimira kuri kure y’ukuri kwama
  117. Ntibasenga mugihe bamaze guta kure Imana atari izindi Mana z’abagore, kandi ntawundi basenga atari Shetani yataye umurongo w’ukuri
  118. Uwo Imana yavumye nayo ikaba ariyo Shetani yavuze iti:- mu vy’ukuri jewe nzofata bamwe mubantu bazwi mubantu bawe
  119. Kandi nzobazimiza kandi nzobaha icizere kandi nzobategeka hanyuma bazoca amatwi y’ibikoko vyabo, kandi nzobategeka bahindure ibiremwa vy’Imana, n’uwuzogira Shetani kuba ariyo imu kingira aho gukingirwa n’Imana, azoba yahomvye uruhombo ruri k’umugaragaro
  120. Shetani Ibemerera n’ukwizera kuko Shetani ntibemerera atari ububeshi gusa
  121. Abo nibo ivyicaro vyabo arivyo mu muriro udahera, kandi ntibazoronka ubuhungiro bwo kuva muri uwo muriro udahera
  122. Nabamwe bemera Imana yabo y’ukuri n’ukugira ibikorwa vyiza, tuzobinjiza mu mirima icamwo inzuzi imbere yabo, hanyuma baze bicare mwo mubuzima bwabo bwose, iyo niyo ndagano y’Imana y’ukuri yabemereye, none ni nde nyene imvugo y’ukuri gusumba imvugo y’ Imana
  123. Sikugushaka kwanyu canke s’ukwipfuza kw’abantu bahawe igitabu c’Imana, uwuzogira amabi azorihwa kuri ayo mabi yiwe, kandi ntazoronka uwuzo mukingira canke umufasha kubera we wenyene imbere y’Imana
  124. Nabazogira ibikorwa vyiza baba abagabo canke abagore mugihe ari abemera Imana yabo y’ukuri, abo bantu bazokwinjira mw’ijuru, kandi ntibazo hemukirwa naho koba nk’agatoboro k’icamwa c’umutende
  125. Ni nde muntu mwiza kubijanye n’idini ry’Imana gusumba uwutumbereza amaso yiwe ku Mana nawe ari umugira neza kandi akurikira imico y’intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) n’Imana yagize intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) kuba ariwe mukunzi wayo
  126. Ibintu vyose ni vy’Imana gusa mubiri mumajuru hamwe n’ibiri kw’Isi, n’Imana niyo ibikikuje vyose
  127. Kandi barakubaza kubijanye n’abakenyezi, wewe vuga uti:- Imana ibabwira inkuru zivyo bintu n’ivyo musomerwa muri iki gitabu gitagatifu kubijanye n’abakenyezi b’impfuvyikazi mudaha udushimwe twabo bandikiwe mugabo mugakunda kwubakana nabo hejuru y’abadafise ububasha mubibondo yuko bokwihangana mugu hagarikira izo mpfuvyi munzira z’ukuri, n’ineza iyariyo yose mugira, Imana niyo ifise ubumenyi buhagije
  128. N’umukenyezi abonye k’umunega wiwe yuko hariho amatati canke imigenderanire atari myiza, rero sibibi kuribo bashigikiranye haka umwumvikano hagati yabo, kuko umwumvikano n’ikintu ciza, n’imitima y’abantu yashizweho imbere ya vyose kuba ari ingumyi, rero nimwagira ineza n’ugutinya Imana mbega nayo ntifise inkuru y’ivyo mugira vyose
  129. Namwe ntimushobora kuba abanyakuri hagati y’abakenyezi naho mwoba mushaka kugira gutyo, rero ntimuhengamire k’uruhande rumwe kugira ngo ntimwahukane nuyo mukenyezi akaba nk’uwamanitswe, ni mwumvikana mugatinya Imana yanyu y’ukuri, Imana niyo ifise ikigongwe cinshi n’impuhwe zihagije
  130. Nibahukana Imana izo hezagira umwe muribo kuvyo ishoboye guha, n’Imana niyo yagutse n’ubuhizi buhagije
  131. Nibiri mumajuru no kw’isi vyose ni vy’Imana, mu vy’ukuri twarabahaye impanuro kubahawe igitabu c’Imana imbere yanyu hamwe namwe yuko mwotinya Imana, ni mwanka kugira gutyo vyose ni vy’Imana gusa mubiri mu Majuru canke mubiri kw’Isi, n’Imana niyo nyene amatungo yose kandi niyo ininahazwa
  132. Nibiri mu Majuru yose no kw’Isi vyose ni vy’Imana, n’Imana irahagije kuba ariyo ikingira abantu bose
  133. Ibishatse izoba kuriraho mwebwe bantu hanyuma ibazanire abandi bantu, n’Imana niyo nyene ubushobozi bw’ivyo bintu vyose
  134. Uwushaka impembo yo ngaha kw’Isi nayisabe ku Mana, kuko impembo yo ng’aha kw’Isi no mw’Ijuru iri ku Mana, n’Imana niyo yumva kandi niyo ibona vyose
  135. Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri nimube mubantu bahagarikira ukuri, mugihe mwabaye ivyabona kubera Imana naho vyoba biri hejuru y’imitima yanyu, canke kubavyeyi banyu, canke kuncuti zanyu naho yoba ari umutunzi canke umukene Imana irabakeneye cane kuribo, rero ntimukurikire muvyo mukunda hanyuma mukanka kugira ubutungane canke ntimwemere kuba ivyabona canke mukiyonkora, Imana niyo ifise inkuru zivyo mugira vyose
  136. Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri nimwemere Imana yanyu y’ukuri hamwe n’intumwa yayo hamwe n’igitabu cayo gitagatifu ca Qur’ani yamanuye kuntumwa yiwe hamwe n’ibitabu yamanuye kuva kera aho hambere, n’uwuzohakana Imana hamwe n’Abamarayika biwe hamwe n’ibitabu vyiwe hamwe n’intumwa ziwe hamwe n’umusi w’imperuka, ntankeka azoba yazimiye ukuzimira kuri kure y’ukuri
  137. Mu vy’ukuri abemeye Imana yabo y’ukuri, hanyuma bagaca baba abahakanyi b’Imana, hanyuma bakemera Imana yabo y’ukuri hanyuma bagaca baba abahakanyi b’Imana, kandi bagaca bongereza ko ubuhakanyi bwabo, Imana ntizoba girira ikigongwe canke ntizoba rongora munzira y’amahoro
  138. Babwire ababeshi yuko bazoronka ibihano bibabaza cane
  139. Ababeshi babagira kuba ari abahakanyi b’Imana yabo y’ukuri kuko aribo bagenzi babo aho kubagira aba Isilamu kuba aribo bagenzi babo, mbega bagomba baronke ubutegetsi kuribo? Rero ubutegetsi bwose nubw’Imana
  140. Nayo iramaze kuba manurira muri iki gitabu gitagatifu ca Qur’ani yuko mugihe mwumvise amajambo y’Imana matagatifu yahakanywe, canke bayatyojeje, abo bantu ntimwicarane nabo kugeza naho bazokwinjira mubindi biganiro kuko mwoca muba nkabo, mu vy’ukuri Imana izo begeranya ababeshi bose hamwe n’abahakanyi b’Imana y’ukuri bose hanyuma ibate mu muriro udahera
  141. Ababeshi barabarindiriye kugira ngo muronke ivyago, rero nimwaronka intsinzi ivuye ku Mana baca bavuga bababwira bati:- mbega ntitwari kumwe namwe? Niba abo bahakanyi b’Imana y’ukuri baronse ahantu hari intsinzi baca bavuga babwira abahakanyi b’Imana bati:- mbega ntitwari twegereje kubatsinda mugihe twari mungabo zaba Isilamu, duca turaba kingira mukuta girira inabi aba Isilamu, rero Imana izoba cira urubanza ruri hagati yanyu k’umusi w’imperuka, n’Imana ntizobaha imigisha abahakanyi b’Imana y’ukuri bwukuronka inzira yugutsinda aba Isilamu
  142. Ababeshi bama bashaka guhenda Imana, nayo izobahana kubera ububeshi bwabo, no mugihe bahagaze gusenga bahagarara n’ubunebwe bwinshi cane, bakereka abantu yuko bariko barasenga kandi batavuga n’ijambo ry’Imana atari gakeyi cane gusa
  143. Barayumba yumba hirya no hino, ino siho bari na hariya siho bari, nuwo Imana yaciriye urubanza rw’ukuzimira, wewe ntushobora kumuha inzira
  144. Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, ntimugire abahakanyi b’Imana kuba abagenzi banyu aho kuba aba Isilamu, mugomba yuko Imana iba ifise ivyemezo biri k’umugaragaro hejuru yanyu
  145. Ntankeka ababeshi bazoba bari kurutonde rwo hasi cane rwo mumuriro udahera, rero wewe ntuzoronka umufasha uwariwe wese
  146. Dukuyemwo abasavye ikigongwe inyuma y’ububeshi bwabo n’ukwigirira hamwe n’ugufata Imana n’ukwemeza ubugamburutsi bwabo kuriyo, abo nibo bari kumwe naba Isilamu, n’Imana izobaha impembo niniya cane aba Isilamu
  147. Imana ntizobahana nimwashima, kandi mukemera bimwe bivuye kumitima yanyu, n’Imana niyo yakira ishimagizwa ryanyu kandi niyo ifise ubumenyi buhagije
  148. Imana ntikunda guserura amajambo nukugaragaza ububisha bw’abantu atari kuri urya yahemukiwe, n’Imana niyo yumva kandi niyo ifise ubumenyi buhagije
  149. Nimwerekana ibikorwa vyiza canke mukabinyegeza canke mukabigirira ko ikigongwe ayo mabi, n’uko Imana igira ikigongwe kandi ikaba ariyo nyene ubushobozi buhagije
  150. Mu vy’ukuri bamwe bahakanye Imana hamwe n’intumwa zayo kandi bagashaka gutandukanya hagati y’Imana n’intumwa zayo mukuvuga bati:- bamwe muribo turabemera n’abandi turabanka, kandi bagomba gufata inzira iri hagati na hagati y’ibi vyose
  151. Abo nibo bahakanyi b’Imana y’ukuri, kandi twaraba teguriye ibihano bitetereza
  152. Nabemeye Imana yabo y’ukuri hamwe n’intumwa zayo nukuda tandukanya uwariwe wese muribo, abo nibo Imana izoha impembo yabo,kuko niyo ifise ikigongwe cinshi n’impuhwe zihagije
  153. Abantu bahawe igitabu bashaka yuko ubamanurira igitabu kivuye mw’ijuru, mu vy’ukuri barasavye intumwa y’Imana Mussa (iii) ibisumba ivyo bavuga bati:- nutwereke Imana imbona nkubone, baca bafatwa n’umuriro w’inkuba kubera ubuhakanyi bwabo, hanyuma bagira intama munyuma yaho bamaze gushikirwa n’ivyemezo biri k’umugaragaro, mugabo tugira ikigongwe kuri ivyo nuguha intumwa y’Imana Mussa (iii) ivyemezo biri k’umugaragaro kuribo
  154. Duca turerura umusozi hejuru yabo mukugira amasezerano nabo tubabwira duti:- nimwinjire mu muryango mwunamye, dusubira kubabwira duti:- ntimurenge imbibe y’umusi wa gatandatu, duca tugiriranira nabo amasezerano y’ukuri kuribo
  155. Rero kubera uguta kwabo kw’amasezerano yabo n’uguhakana ivyemezo vy’Imana, n’ukugandagura intumwa z’Imana ata kuri babifitiye n’ukuvuga bati:- imitima yacu irugawe ahubwo Imana yarayiteyeko ikidodo kubera ubuhakanyi bwabo, kuri ivyo ntibemera atari bakeya gusa
  156. Kubera ubuhakanyi bwabo n’ukubeshera Mariyamu ububeshi buhanitse
  157. Nukuvuga kwabo yuko twebwe twagandaguye umuhanaguzi Issa mwene Mariyamu (iii) intumwa y’Imana, mugihe batigeze bamugandagura canke batigeze bamubamba ahubwo bamwi kekeranye n’uwundi, mu vy’ukuri bamwe batumvikanye yuko bishe intumwa y’Imana Issa (iii) bari mumwikeko kuri ivyo, kandi ntavyemezo babifitiyeko, ahubwo bakurikira amakenga gusa, mu vy’ukuri ntiba mugandaguye
  158. Ahubwo Imana yonyene niyo yamureruye imujana iwe, n’Imana niyo nyene ubushobozi n’ubuhizi buhagije
  159. Ntan’umwe mu bantu bahawe igitabu c’Imana atari uko bamwemera imbere yuko asandaba umwe muribo, nayo k’umusi w’imperuka intumwa y’Imana Issa mwene Mariyamu (iii) niwe azoba ari icabona kuribo
  160. Rero kubera ubuhemu bwabo bayahudi, twaciye tubabuza ibintu vyiza vyari birekuriwe kuribo, n’ukubera yuko bakingira abantu benshi mu nzira y’Imana
  161. Nukurya kwabo amatungo y’umurengero mugihe babujijwe kutayaryako, n’ukurya kwabo amatungo y’abantu bitarekuriwe n’amategeko y’Imana, rero twarabateguriye abo bahakanyi b’Imana muribo ibihano bibabaza cane
  162. Mugabo bamwe batsimbataje ubumenyi muribo naba Isilamu bemera ivyamanuwe kuribo, hamwe n’ivyamanuwe imbere yawe, hamwe nababandanya guhagarika amasengesho yabo, hamwe n’abatanga imperezwa z’amatungo yabo n’ukwemera Imana y’ukuri n’umusi w’imperuka, abo bantu tuzobaha impembo niniya
  163. Twarakuzaniye ubutumwa nkuko twashikirije intumwa y’Imana Nuhu (iii) hamwe n’izindi ntumwa z’Imana munyuma yiwe, nkuko twashikirije intumwa y’Imana Ibrahimu (iii), hamwe n’intumwa y’Imana Ismaili (iii), hamwe n’intumwa y’Imana Is’haqa (iii), hamwe n’intumwa y’Imana Ya’aqubu (iii), hamwe n’ibibondo vyiwe hamwe n’intumwa y’Imana Issa mwene Mariyamu (iii), hamwe n’intumwa y’Imana Ayyubu (iii), hamwe n’intumwa y’Imana Yunusu (iii), hamwe n’intumwa y’Imana Haruna (iii), hamwe n’intumwa y’Imana Suleymanu (iii), hamwe n’intumwa y’Imana Dawudu (iii), nawe tumuha igitabu ceranda ca Zaburi
  164. N’intumwa z’Imana twakwiganiye aho hambere hamwe n’izindi ntumwa z’Imana tutakwiganiye, n’Imana yaravuganye n’intumwa y’Imana Mussa (iii)
  165. Intumwa z’Imana zatanze ubutumwa bwiza n’ugutuza abantu, kugira ngo abantu ntibagire ivyitwazo hejuru y’Imana munyuma y’intumwa z’Imana, n’Imana niyo nyene ubushobozi n’ubuhizi buhagije
  166. Mugabo Imana niyo cabona yakumanuriye, ikaba yakumanuriye yuko ari ivy’ukuri yabimanuye k’ubumenyi bwayo, n’Abamarayika nabone n’ivyabona, n’Imana irahagije kuba icabona
  167. Mu vy’ukuri bamwe bahakana Imana yabo y’ukuri, nukuzitira abantu munzira y’Imana, ntankeka n’abazimiye mu buzimire buri kure y’ukuri
  168. Mu vy’ukuri bamwe bahakana Imana yabo y’ukuri nuguhemukira imitima yabo, ntakigongwe kizobaho ku Mana, canke kubarongora inzira yabo
  169. Atari inzira yo mu muriro udahera, bazobayo mu buzima bwabo bwose, ivyo navyo biroroshe ku Mana
  170. Mwebwe bantu, intumwa y’Imana yarabashikiye n’ukuri kuvuye ku Muremyi wanyu, rero ni mwemere bizoba ari vyiza kuri mwebwe, nimwanka naho vyose nivy’Imana ibiri mu Majuru no kw’Isi, n’Imana niyo ifise ubumenyi n’ubuhizi buhagije
  171. Mwebwe bantu mwahawe igitabu ntimurenge imbibe muvyerekeye idini ryanyu, kandi ntimuvuge hejuru y’Imana atari ukuri, mu vy’ukuri umuhanaguzi Issa mwene Mariamu (iii) n’intumwa y’Imana n’imvugo yiwe yashikirije Mariyamu (iii) nawo n’umutima wavuye ku Mana, rero nimwemere Imana hamwe n’intumwa zayo, kandi ntimuvuge Batatu, mwirinde kandi niho bizoba ari vyiza kuri mwebwe, ntankeka Imana niyo Mana yonyene imwe rudende gusa, nukuba iri kure n’ubutagatifu bwayo yuko ifise ikibondo, kandi n’ivyiwe ibiri Mumajuru no kw’Isi, n’Imana niyo ikingira gusumba
  172. Umuhanaguzi ntazoterwa n’agahinda yuko umushumvyi w’Imana canke abamarayika begerejwe n’Imana, nabazo bona ako gahinda kubashumvyi b’Imana n’ukwishima, izobegeranya bose bagende iwe
  173. Nayo bamwe bemeye Imana yabo y’ukuri n’ukugira ibikorwa vyiza, izobaha impembo yabo nukubongereza kumigisha yayo, mugabo bamwe babona agahinda n’ukwishima, izobahana kubihano bibabaza cane, kandi ntibazoronka abagenzi canke abafasha imbere y’Imana
  174. Mwebwe bantu, mwarashikiwe n’ivyemezo bivuye kumuremyi wanyu, kandi twarabamanuriye umuco uri k’umugaragaro
  175. Nayo bamwe bemeye Imana yabo y’ukuri, nukuyifata neza, abo nibo izo kwinjiza mu mumigisha yayo, n’imihezagiro yayo nukubarongora mu nzira igororotse
  176. Barakubaza, wewe nuvuge uti:- Imana ibahaye itegeko ry’uwapfakaye, nk’umuntu yitavye Imana nawe ata kibondo yasize, mugabo akaba yasigaranye mushikiwe, rero uyo mushikiwe aca aronka igice c’ivyo bisigi cuyo nyakwigendera, nawe azotorana niyaba ata kibondo afise, niba ari abakobwa babiri, bazoronswa ica gatatu cibibiri muvyo yasize nyakwigendera, niba ari abavukanyi b’abahungu babiri bazoronswa ibingana n’abakobwa babiri, Imana ibamenyesha kugira ngo ntimuzimire, n’Imana niyo nyene ubumenyi bw’ibintu vyose