95.The Fig

  1. Ndarahiye kuri iki camwa citiriweTtiyn na Zaytuni
  2. No k’umusozi wa Sinayi
  3. No kuri iki gisagara c’amahoro c’IMakkat
  4. Ntankeka twaremye umuntu mw’ishusho ryiza cane
  5. Hanyuma tumugarura kuba hasi gusumba abari hasi cane
  6. Dukuyemwo abemeye Imana yabo y’ukuri n’ukugira ibikorwa vyiza, abo nibo bazoronka impembo itazo hera
  7. N’igiki kigushikira n’uguhakana impembo munyuma y’ukubona ivyo vyose
  8. Ntabwo Allah arenganura abacamanza