96.The Clot

  1. N’usome kw’izina ry’Umuremyi wawe yaremye
  2. Yaremye umuntu kukimanyu c’amaraso
  3. N’usome, n’Umuremyi wawe n’umugira neza cane
  4. Niyo yigishije umuntu ikoresheje ikaramu
  5. Yigishije umuntu ibintu atari abifitiye ubumenyi
  6. None s’ibi, mu vy’ukuri umuntu yama yishima
  7. Akishima yuko yaronse ubutunzi
  8. Ntankeka ingaruka ya bose iri ku Muremyi wawe gusa
  9. Mbega wabonye umwe amubuza
  10. Umuntu mweranda ariko arasenga
  11. Mbega wabonye yuko ari hejuru y’uburongozi
  12. Canke ategeka kugira ibikorwa vyiza
  13. Mbega ubona gute ko yoba ari umuhakanyi w’Imana y’ukuri nugusubira inyuma
  14. Mbega ntabumenyi afise yuko Imana imubona
  15. None s’ibi, nata reka kugira ivyo agira, twebwe tuzomukwega kumishatsi yiwe yo kuga hori hori k’umutwe wiwe
  16. Aga hori hori k’umubeshi gafise ibicumuro
  17. N’ahamagare basoma mbike biwe bamufashe
  18. Natwe tuzohamagara aba Marayika bo mu muriro udahera bamuhane
  19. None s’ibi, ntumugamburukire, ahubwo n’upfukame ushire umutwe wawe hasi ube hafi cane y’Umuremyi wawe