99.The Earthquake

  1. Mugihe Isi izo nyiganzwa inyigangizo rininiya cane
  2. N’igihe izosohora ibiyiremereye kuriyo vyose
  3. N’umuntu yaravuze ati:- mbega uno musi kuri iy’Isi hari iki
  4. Kuri uwo musi Isi izo sesangura inkuru zayo zose
  5. Kuko Umuremyi wayo yayitegetse kugira gutyo
  6. Kuri uwo musi abantu bazova muntatemwa zabo bari imigwi n’iyindi, kugira ngo berekwe ibikorwa vyabo bagize
  7. Rero uwagize ivyiza naho vyoba bingana n’uburemere bw’akanyegeri azobona impembo yavyo
  8. N’uwagize amabi naho yoba angana n’uburemere bw’akanyegeri azobona impembo yavyo